Uburundi bwacu bwatewe iteka mu muziki aho umuririmvyi BOBONA yatahukanye itsinze mw’ihiganwa rya Prix découverte RFI

By  |  0 Comments

Haraciye amasaha arenga 10 uburundi butewe iteka ridasanzwe mu muziki uririmbwa n’abaririmvyi batandukanye aho umuririmvyi wacu w’umurundi twovuga ko benshi bamumenyereye ngaho kuri CENTRE JEUNE KAMENGE mubiteramo akunda gukorana kenshi ari kumwe n’umuririmvyi STEVEN SOGO uno muririmvyi BOBONA y’aramaze mw’ihiganwa ryateguwe n’abantu barongoye umuziki wo mugihugu ca FRANCE, igitangaje cane gose catumye umuririmvyi BOBONA aryoherwa gusuvya n’uko yashoboye gutahukana itsinzi idasanzwe mukuba umuririmvyi wa kabiri mw’ihiganwa rya Prix découverte RFI ryari ruhurikiyemwo abaririmvyi twovuga ko bateye ubwoba mu muziki wa AFRICA nkaba FALLY IPUPA n’abandi benshi cane gose. Kuvyuk’uri umuziki w’abaririmvyi bacu barashoboye kandi bafise ingabirano zidasanzwe zogushobora gutahukana itsindi mw’ihiganwa ryari ryose nkuko uno munsi mu Burundi bwose twashoboye guterwa iteka na BOBONA mugutsindira ikibanza kigira kabiri akwirikiye umuririmvyi w’umwigeme wo mugihugu ca SENEGAL yitwa Marema.

aw

Marema NA Bonfils NIKUZE

Ahanini kugeza uno munota ugiye kuraba aho umuririmvyi BOBONA ari usanga umunezero ari wose cane gose aranashimira cane gose abakunzi b’umuziki w’uburundi bashoboye kwitanga mukumuhunda amajwi atibagiye hamwe n’abamenyeshamakuru bagiye baratangaza kubwinshi kugira uburundi bwacu buterwe iteka nkuko BOBONA ashoboye kuridutera mu muziki w’uburundi bwacu kandi umuririmvyi BOBONA igihe y’abaona uy’umunsi ko yashoboye gutsindira ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa ritari ryoroshe rya Prix découverte RFI . Umva uko BONONA yashoboye kuvuga afise umezero mwinshi cane gose.

BARUNDI BENE WACU NABAYE UWA KABIRI MURI PRIX DECOUVERTES RFI NDARYOHEWE KURIYO NTAMBWE NTEYE IKIRYOSHE NUKO NKIRI KURI ALBUM YA MBERE MAREMA NAWE WO MURI SENEGALE NAHEZAGIGWE.

 

N’iteka ridasanzwe gose ku gihugu c’uburundi bwacu na canecane mu muziki w’uburundi kubona umuririmvyi BOBONA atahukana ikibanza kigira kabiri n’ibintu bidasanzwe cane twovuga ko n’abakunzi b’umuziki w’uburundi basigaye bakunda abaririmvyi mubikorwa bakora kuko iyatabo bashoboye kumuronda amajwi nabwo yari gutahana kino kibanza bikaba bishimishije cane kandi n’ibinyamakuru bimwe bimwe bitangaza umuziki w’umuririmvyi w’umurundi vyarashoboye gufasha cane gose umuririmvyi BOBONA , twovuga ko uburundi bwacu b’ufise imopano zidasanzwe zogutahana itsinzi z’amahiganwa mugihe abaririmvyi bacu bayitabiriye , ico twobamenya rino higanwa rya Prix découverte RFI   umwaka uheze uburundi bwari bwaserukiwe n’umuririmvyi STENE SOGO ariko nabwo yashoboye kuronka amahirwe nkayo BOBONA ateye iteka igihugu cacu muvy’umuziki agasumvya ibihangange bizwi cane gose mu muziki wa AFRICA yose.

 

10801655_707880159281064_4291572883737011604_n

Menya vyinshi ushobore kumenye ikuntu umuririmvyi BOBONA yatsindiye kino kibaza ca kabiri kidasanzwe agatera iteka umuziki w’uburundi bwacu mumakungu kuko s’inkuru y’imbariraro vyabaye kandi vyarangiye BOBONA niwe yatsindye ikanza ca kabiri mw’ihiganwa ritegurwa n’abafaransa ikindi twaorangiriza ko tubamenya n’uko kugira umuririmvyi BOBONA ashike murayo mahiganwa n’uko yabifashijwemwo n’umufasha wiwe asanzwe aba mugihugu ca ITALY. ===>>>http://businesslife.bi/fr/Et-le-laureat-du-prix-decouverte.html

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *