DJ PRO aramenyesha aba fans biwe bose bitegurire vuba CLIP VIDEO TOUCH ME raba uko biteguye

By  |  0 Comments

 Ngo akaryoshe  ntigahora mwitama bikaba bivungwa n’umuririmvyi DJ PRO  adasanzwe mu muziki w’uburundi afise ibikorwa vyiza mu kunezereza aba fans bakunda indirimbo zikozwe muri CLIP VIDEO mugihe haheza amezi atari make ashize ahabona Clip Video y’indirimbo KATOTO REMIX bakoranye na SAT – B hamwe na MKOMBOZI arasubiriye kandi gutangura igikorwa kizoza kinezera abakunzi b’umuziki w’uburundi bakunze Clip Video KATOTO REMIX mugihe agiye kuzobazanira iyindi Clip Video izoba ifise ubuhinga mu guhinyanyurwa iyo Cilp Video s’iyindi n’indirimbo TOUCH ME yakoranye n’umuririmvyi BLACK – G ikunzwe gose hano mugisagara ca Bujumbura n’ahandi henshi kandi kikaba ari co catumye DJ PRO asubira gutunganya  imyimenyerezo izoba igize Clip Video TOUCH ME agomba kuzotangura gukora mubihe biri imbere vuba.

10580128_706435072756614_3347027542025651093_n

Mugihe twaganira n’umurriimvyi DJ PRO  yaratubwiye ibijanye na CLIP VIDEO y’indirimbo TOUCH ME yakoranye n’umuririmvyi mugenzi wiwe  BLACK – G  yaragize ati ubu k’uvyukuri ngomba gukora Cilp Video y’indirimbo yanje TOUCH ME kubera aba fans banje mukurindira igikorwa kindi gikorwa kijanye n’umuziki nkora kirimwo gukora indirimbo zanje zanyu z’uno mwaka 2014 ngomba guhera kuri Clip Video TOUCH sozere umwaka turyohewe hamwe na fans banje kandi ndateguriye vyinshi bizorangirana n’umwaka turimwo ico ntobabwira aba fans banje canke abakunzi b’umuziki w’igihugu canje c’uburundi bagume hafi yanje vuba ndatangura gukora shooting ya Clip  Video Touch Me  ikazobanezera cane gose ndabizeza vuba muzoyibona ndikumwe n’incuti yanje BLACK – G ari nawe twaokoranye Audio ubwambere.

10519504_624985217612088_8716090079942611292_n

BLACK – G azokorana na DJ PRO Clip Video y’indirimbo TOUCH ME kandi niwe bakoranye ubwambere AUDIO yiyo ndirimboizokorerwa CILP VIDEO

Kuba fans ba DJ PRO tubabwira ko mugihe kuzobona vuba Clip Video y’indirimbo TOUCH ME tukazoshobora kubamenyesha uko igikorwa kizoba kiriko kiragenda citegurwa ya Cilp Video Touch Me tukazonagira ko tubereka amashusho y’ukuntu umuririmvyi DJ PRO azoba yatanguye kubategurira Clip Video nziza izobaryohera muriko murayiraba. Tworangiza tubabwira ko umuririmvyi DJ PRO agiye gutangura imyimenyerezo bari kumwe na BLACK – G yo kuzokora iyo CLIP VIDEO TOUCH ME.

10440228_682625685137553_4227212796380497552_n

Indirimbo TOUCH ME yakorewe Audio k’umuhinyanyuzi wa mbere mu Burundi afise ubuhinga burenze muguhinyanyura yitwa LIZER PRO akorera muri STUDIO BUJA RECORDS yiwe hamawe na STUDIO AFRICAN SOUND RECORDS

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *