REDEMPTION VOICE na PRINCE MSHINDI BARIKO BARAHERAHEZA “CLIP VIDEO Y’INDIRIMBO WARAKOZE”

By  |  0 Comments

Umurwi ukunze cane gose mugihugu c’uburundi bwacu usanzwe uririmba indirimbo zihimbaza Imana arizo GOSPEL uzwi kw’izina rya REDEMPTION VOICE bari kumwe n’umuririmvyi PRINCE MSHINDI akanongera akaba umuhinyanyuzi w’amasanamu menshi y’indirimbo mpimbaza Mana baratanguye gukora Clip Video y’indirimbo WARAKOZE yakunzwe n’abantu benshi batahura ubutumwa bw’ijambo ry’Imana riba mundirimbo  WARAKOZE ririko riratangwa nabo baririmvyi. Abanyanyi mwese mwahezagiwe n’indirimbo WARAKOZE twobabwira y’uko mugihe kuzobona CLIP VIDEO ukuntu bayikoze kandi ikazoshobora kubahezagira ubugira kabiri biciye mw’isanamu nziza igiye kugaragara vuba bidatinze.

 

CLIP VIDEO nshasha y’umurwi REDEMPTION VOICE n’umuririmvyi PRINCE MSHINDI twokubwira ko uwashoboye kuyifata amasanamu ari uwo muririmvyi PRINCE MSHINDI akanongera akaba ariwe ayikorera ibintu vyose bisabwa kugira ngo Video izanane ubwiza bubereye ijishoho mugihe umuntu yafashe akanya kiwe akayiraba kanumviriza ubutumwa bugize indirimbo ya video abayatanguye kuraba ikionezereza cane gose abantu bakunda indirimbo z’umurwi REDEMPTION VOICE hamwe n’umuririmvyi PRINCE MSHINDI batangamwo ubutumwa n’uko muzoshobora guhezagirwa ubugira kabiri gusumba uko mwashoboye guhezagirwa ubwa mbere y’ubutumwa burimwo mundirimbo WARAKOZE unumvirije iyondirimbo urumva ko ifise gushima cane ivyiza Imana yakoreye abana bayo aribo twebwe aabana b’abantu.

Tworangiza tubizeza ko abantu mwese mwahezagiwe n’indirimbo WARAKOZE mugiye kuzoba Clip Video ukuntu bayitunganije n’ubuhinga bwanone bugezweho iyi Video nshasha WARAKOZE ya REDEMPTION VIOCE na PRINCE MSHINDI izoba ije ikwirikira Video nayo nyne yabahezagiye y’ururirimbo YUGURUYE NTAWUGARA.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *