Faustin NDIKUMANA asaba abategetsi gukora kugira igihugu kironke umutekano

By  |  0 Comments

Icegeranyo c’abahinga b’amashirahamwe mpuzamakungu bari kumwe n’ibanki y’isi kimenyesha ko Uburundi buri mu kibanza ca 53 ku bihugu 54 vyagizwemwo ivyigwa mu bijanye n’ubutunzi n’intwaro ibereye.

Kubwa Faustin NDIKUMANA arongye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhundura ingendo, kuba Uburundi buri muri ico kibanza biva ku mutekano muke hamwe n’indyane za politike ziri mu gihugu.

Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM amenyesha ko kugira ibintu bifate inzira nziza, abategetsi b’igihugu bakwiye gushiraho politike nziza yo kurwanya ibiturire, kuko mu gihe ibiturire bicibnekeza igihugu atah gishobora gushika mu gisata c’ubutunzi.

Faustin NDIKUMANA avuga ko abategetsi b’igihugu bategerezwa gukira ibishoboka vyose kugira umutekano mu gihugu, gutyo abafasha basubire batange infashanyo.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *