PRIMUS LIGUE KU MUSI WA 14

By  |  0 Comments

soccerburundi

Mu gihe hari hasigaye inkino zibiri zibiri kuri buri mugwi ngo igice cambere c’ihiganwa rikuru ry’Uburundi mu mupira w’amaguru gisozerwe, inkino zashoboye kubandanya. Ku kibuga gikuru i Bujumbura, umugwi VOLONTAIRE ntiworohewe imbere ya MESSAGER Buja mu gutsindwa 1-2, ariko inkino zari zitezweko kugira ico zihinduye ku bijanye n’urutonde zikaba zitashoboye kwerera imigwi isanganywe ibibanza vya kabiri na gatatu. ATHLETICO OLYMPIC aho yari yakiriye INTER STAR, ntivyayikundiye kuguma itera ija imbere; ikosa ryatumye umukinyi akomeye w’inyuma Bukuru asohorwa kw’ikarata itukura yeretswe mu minota yambere y’urukino, ryatumye inkomezi zivyuka ku ruhande rwa I.STAR naho kizigenza Hussein BANZA atari yashoboye kuboneka mu kibuga. Ku munota ushira uwa 66, ni ho Hassan BIZIMANA (BOKANDE) yahava akaronsa igitsindo umugwi wiwe INTER STAR, vyose bikaba vyabonetse ko vyavuye ku kurengerwa kw’abakinyi bo ku rundi ruhande mu gihe bakinye iminota irenga 60 yose badakwiye mu kibuga.

soccerburundi2

Utubonano Cédric KAZE amenyereza Athletico yaguma agirisha abakinyi biwe ntaco twahavuye tumufasha

soccerburundi3

Umusore PEKINHO yahavuye yinjira kwongereza umuvuduko asubiriye Shabani Hussein (Tshabalala)

Atari uko VITAL’O yaciye yongereza igitigiri c’amanota isumvya imigwi iyikurikira hanyuma INTER STAR na yo ikagabanura amanota irushwa, urutonde rw’imigwi ine yambere rwagumye uko rwari rusanzwe.

Izindi nkino zabaye: -Ac.TCHITE 0-2 NYANZA Utd, -BUJA CITY 0-1 OL.STAR, -PR.LOUIS 0-2 MUZINGA, -ROYAL 0-0 RUSIZI, -VOLONTAIRE 1-2 MESSAGER BUJA, -ATHLETICO OL 0-1 I.STAR, -MESSAGER NGOZI 1-0 LYDIA LUDIC, -VITAL’O 1-0 FLAMBEAU’EST.

Ku rutonde rw’imfatakibanza VITAL’O iracaza imbere n’amanota 34, ATHLEYICO ya kabiri n’amanota 28, LYDIA LUDIC ya gatatu na 27, iya kane ikaba INTER STAR na 24. Academy TCHITE ni yo itararonka inota na rimwe n’umwenda w’ibitsindo birenga 48, na ho umusatirizi akiza imbere akaba Laudit MAVUGO wa VITAL’O ageze ku bitsindo 15 vyose

Ikinyamakuru canyu kikaba citeguriye kuzobagezaho ibizova mu nkino z’umusi ugira 15 ari wo wo gusozera igice cambere c’ihiganwa.

Umugwi LYDIA LUDIC na wo, umwe mu yiriko iniganira ibibanza vy’imbere, ntiwahavuye woroherwa mu rukino rwawo rwambere wagiye gukinira mu ntara zo hagati mu gihugu kuva ihiganwa ritanguye, mukaba mwoshoka mumenya ko MESSAGER Ngozi ku kibuga citiriwe URUKUNDO kiri ahitwa i Buye yahatahukaniye intsinzi imbere ya nya bihangange, 1-0.

 

VITAL’O ni yo yasozereye umusi wa 14 mu kwakiriza FLAMBEAU DE L’EST igitsindo kimwe cinjijwe na ca gihangange Laudit MAVUGO, ku mupira yateje inguvu nyinshi inyuma yo gukorerwa ikosa ku metero zishika 30 uva ku kirindiro ca Patient asamira FLAMBEAU DE L’EST. Urukino rwabandanije rutoroshe ku mpande zompi, mu vyatumye rutabera ijisho hakabamwo imvura nyinshi yaguye ruriko ruraba, aho rero umugwi usanzwe mu kibanza c’icubahiro gushika ubu ukaba wiruhukije inyuma y’uko umuhagarikizi yari amaze kwemeza ko amanota atatu y’urukino agumye mu minwe ya bene gukinira iwabo ari bo Vital’o FC.

 

soccerburundi4

 

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *