UMUSI UGIRA 12 WA PRIMUS LIGUE

By  |  0 Comments

Soccer in rwanda3

Ku magenekerezo ya 25/26 Monyonyo 2014 ni ho ihiganwa Promus League ryari ku musi ugira 12, bikaba vyari vyiteganywe igishika ko urutonde re’imfatakibanza ku bijanye n’imigwi ifise ibibanza vy’imbere rwashobora guhinduka. Aho rero vyavugwa uko mu gihe hari hitezwe ko umugwi Vital’o FC uhava utoroherwa i Muyinga ku kibuga ca Olympic Star, na cane cane ko wari umaze inkino zibiri zikurikirana utaronka intdinzi.

Ikinyamakuru canyu shemezaclouds.com nticatanzwe kuhababera kuko imigwi yose uko ari ibiri yahuye ikumbuye intsinzi inyuma y’uko na Olympic Star imaze imisi itsindirwa ibushitsi co kimwe no muhira iwayo. Aho rero umwizero ku banyaMuyinga wari wose bivanye n’imvura yari yononye ikibuga kandi bikaba bimaze kuboneka ko umugwi bari buhure utamenyereye gukinira ahanyerera.

Soccer in rwanda2 Soccer in rwanda3 Soccer in rwanda4

Umuhagarikizi Georges yatanguje urukino inyuma yo kuvugana na ba kizigenza b’imigwi; Mc Arthur wa Vital’0 na Henry wa O.Star. Iminota irenga 18 yose yerekanye ko umusangwa atemerera umushitsi kwinjira haruguru, ivyo bikabonekera ku kugene abasatirizi ba Vital’0 batariko begereza urugo re’abo bari bahanganye. Ikosa ryahavuye rikorerwa Christophe Ndayishimiye mu rukiramende rwo kwitondera ku munota wa 18, ryahavuye ritangaza abarorerezi mu guha umusatirizi Laudit MAVUGO igitsindo kuri penalty. Urukino rwabandanije umugwi O.Star uguma wifata neza hakabura uwuherahereza mw’igoli rya Arthur yakoze akazi gakomeye mu gukiza urugo rwiwe.

Icibonekeje kuva mu gice cambere, ni ukunanirwa kw’abakinyi bose kuvuye kw’inyerera ry’ikibuga, bikaba vyahavuye bituma amakosa aba menshi mu kibuga gushika aho K. Yaoundé wa Vital’afata ingingo yo gusibiriza MAVUGO Laudit mu ntumbero yo kumurinda gusohorwa kuko yari yamaze kuronswa ikarata y’umuhondo.

Igitsindo kigira kabiri cinjijwe na Déo Ndayishimiye yinjiye mu kibanza ca Christophe, ku mupira mwiza cane yasunikiwe na Styve Nzigamasabo ku munota ugira 48 w’urukino. Inyuma y’igitsindo ca Déo, aba Stars ba Muyinga barasatiriye bimwe biboneka ariko bikabagora kwinjiza. Icabonetse cane ni ukwotanga no guhanahana mu kibuga kwiza hagati ya No 14 Remy na 18 bita TARI, REMY nyene akaba yahavuye atsinda igitsindo ku mupira uteretswe hasi (coup-franc) yateje ubwenge n’ubuhinga bwinshi, aho hari ku munota ugira 67. Iminota 23 isigaye, umugwi usanzwe ukundwa cane mu Burundi, si wo wabonye iraheze ngo wikure ku mugwi ukunzwe cane mu ntara ya Muyinga.

Icabonetse ku bakinyi, ni umusore SHASSIR yavyifashemwo neza cane mu kwitanga uko ashoboye, bukaba bwabaye ubwambere akinishwa iminota 80 yose imbere yo kubisa Iddy J. IDDO yinjijwe mu ntumbero yo kuzigama no kurinda intsinzi. Ikitabonetse neza ariko kuri nya rukino, ni inyifato itabereye y’abarorerezi b’i Muyinga, mu kwinjira mu gushwara ikibuga urukino ruheze, bakaba bahavuye batwarwa n’agashavu bagakubagura umusamyi Arthur mu kumutera amabuye

 

Soccer in rwanda6 Soccer in rwanda5 Soccer in rwanda7

Kuri nya musi igira 12 rero, imigwi yose isanzwe irwanira ibibanza vy’imbere ikaba yaravyifashemwo neza, bikaba vyatumye ata kinini gihinduka ku rutonde rw’imfatakibanza. Aha twobamenyesha zimwe mu nkino zari zitezwe cane nka: *Athlético Olympic 1-0 Messager Buja, *LLB S4A 2-1 Royal FC, *Messager Ngozi 0-2 Inter Star, *Ol. Star 1-2 Vital’0 FC.

Urutonde ruracarongowe na: 1.Vital’oFC n’amanota 28, 2.LLB S4A ” ” ” 26, 3.Athlético Olympic “”25, inyuma y’iyindi migwi hakaba hakiri Académie Tchité itararonka inota, ikagira umwenda w’ibitsindo 44 vyose.

Inkino zikaba zibandanya ku magenekerezo ya 28/29/30 Munyonyo 2014 aho na ho mukazomenyeshwa ibizozivamwo na cane cane ibijanye n’urutonde. Tubibutse ko MAVUGO Laudit aguma imbere mu kubona iyo insenga ziri, akaba yakwije ibitsindo 10 vyose ku nkino 11 amaze gukina.

Ihiganwa rirabandanya uku: -Ku wa 28/11/2014: *Athletico Vs Prince Louis,

-Ku wa 29/11/2014: *Inter Star Vs Nyanza Utd, *Royal Vs Messager Buja, *Messager Ngozi Vs A.Tchité, *LLB S4A Vs Flambeau’Est, *Rusizi Vs Olympic Star,

-Ku wa 30/11/2014: *Vital’o FC Vs Volontaire, *Muzinga Vs Buja City.

 

rwanda soccerburundi soccerburundi soccer2

Nta bwambariro buraboneka ku kibuga ca Muyinga, baruhukira mu kibuga.

burundi soccer3burundi soccer4

Bamwe mu bakunzi ba Vital’o bari bahishikiye

burundi soccer5burundi soccer6burundi soccer7

Abamenyereza n’abasubirizi ba Vital’o vyaboneka ko icizere kitari cinshi urukino rugitangura. Inararibonye Hidja OMAR ku ntebe y’abasubirira abandi ku ruhande rwa Olympic Star.

Amakuru yatanzwe na Wilson Melchior Kwizera

 

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *