IVYABAYE KU MUSI UGIRA 11 WA PRIMUS LIGUE

By  |  0 Comments

soccer

Inkino z’ihiganwa riteye igomwe ry’icicaro cambere mu mupira w’amaguru ryari ku musi wa 11, inkino zose zikaba zashoboye gukinwa uko zari zitegekanijwe. Nk’uko ikinyamakuru canyu mukunda cane shemezaclouds.com cari cabibamenyesheje, harimwo inkino zibiri zihuza imigwi-mikeba.

Ku wa 22 Munyonyo 2014, umugwi Messager Bujumbura wakiriye Messager Ngozi, bukaba bwari ubwambere iyo migwi ibiri isangiye amamuko n’uburongozi bukuru ihurira mu cicaro gikuru aho twovuga ko abanya Bujumbura bakiriye bagenzi babo ku kibuga mu gihe ku rundi ruhande bariko barakirwa mu cicaro cambere, na cane cane ko abanye Ngozi bari bamaze imyaka ishika ibiri baribatanzemwo.

Igice cambere c’urukino cabonetsemwo ishaka n’ubukerebutsi vy’abasatirizi b’umugwi wari iwawo, aho umusore Juma Hamis (Lami) akaba yahushije ibitsindo ku minyaku yaguma atera ahusha. Igice caje kurangira uwo Lami nyene yironkeye igitsindo kivuye ku gusamara canke ukwihenda kwa Bienvenue, umusamyi wa Messager Ngozi. Mu gice kigira kabiri, aho hinjiriye Miburo Bonnechance, ni ho haba ukwivyukiranya kwa Messager Ngozi aho umukinyi Olivier Bayizere yahusha ibitsindo birenga bibiri, na ho nyene hakaba hahavuye haboneka igitsindo co kunganya cinjijwe na Bonnechance, na co nyene bikaba vyabonetse ko cavuye ku busamazi bw’abakinyi b’inyuma batashoboye kuvuga rumwe n’umusamyi wabo Hussein Ndayishimiye. Naho vyibonekeje ko iminota yanyuma yifatiwe n’abanye Ngozi bivanye kumbure n’ukumenyera guke, urukino rwarinze ruhera abavukanyi bose banganya 1-1.

soccer2soccer3soccer4

Ngozi ni Orange, Buja ni White

Ku musi w’Imana na ho igenekerezo rya 23 Munyonyo 2014 ni ho hatana mu mitwe urukino rwa mbere rwashoboye kurabwa n’abantu buzuye impande zose z’ikibuga aho wamengo ni urukino mpuzamakungu. Nk’uko bisanzwe, isango ry’urukino ruhuza Vital’o na Inter Star ni ryo mutima w’ikirangamisi c’ihiganwa kuva kera na rindi. Mbere abatari bake bakaba basigaye bashika ku kibuga ku bwa nya sango gusa gushika ihiganwa riheze.

Urukino nyezina rero rukaba rwatanguranye umwete n’ubuhinga ku mpande zose naho igice cambere categetswe ahanini na Vital’o yahushije ibitsindo kenshi, ca gihangange Mavugo Laudit akaba atashoboye kugira ico ashikako imbere ya Kizigenza Banza Hussein wa Inter Stsr. Mu gice ca kabiri, na cane cane guhera ku minota ishira iya 70, ni ho umugwi wa Kanyenkore Gilbert (Yaoundé) watangura kurushwa no kurengerwa bivanye n’isohorwa ry’umukinyi Moussa Mossi (Hadj) yaronkejwe ikarata igira kabiri imbere y’umunota wa 50 w”urukino. Ukuja gukinira ku rugo rwabo mu kiringo kirenga iminota 20 kukaba kwahaye ishaka abakinyi ba Inter Star, hakaba havuyemwo n’igitsindo ca Hassan Bigirimana mu minota y’agasunuzo, urukino ruca ruherera ku ntsinzi y’abambaye amabara yirabura n’ayera ya 0-1.

Ukwo gutsindwa kukaba kwatumye Umugwi wambere wegerezwa mu manota n’iyisanzwe iwukurikira. Ku rutonde rw’agateganyo Vital’o ikaba icitije ikibanza cambere n’amanota 25, hagakurikira LLB na 23, mu gihe iyiza ubwa gatatu ari Athlético na 22. Umugwi ukiza inyuma y’iyindi ni Académie Tchité ata nota uraronka, ukagira umwenda w’ibitsindo bishika 43, na ho Mavugo Laudit akaba akiza imbere mu kubona iyo insenga ziri n’ibitsindo 9.

Tubamenyeshe ko ihiganwa ribandanya aho ku misi ya kabiri na gatatu 25/26 Munyonyo 2014 hategekanijwe inikino umunani kandi, umugwi wambere bikaba vyitezwe ko ushobora kuja gutakariza ico kibanza i Muyinga ku kibuga ca Olympic Star, ikinyamakuru canyu shemezaclouds.com kikaba atako kitagira ngo ntimubure ibiva mu nkino ziba zabaye.

 

soccer5soccer6soccer7 

Black ni Inter Star, Mauve ni Vital’o, uwo na we ni coah wa Vital’o, uw’ingoma yitwa Haruna afana Inter Star.

soccer8soccer9soccer10

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *