UMUSI UGIRA 13 WA PRIMUS LIGUE (Burundi Soccer)

By  |  1 Comment

burundi soccer10burundi soccer8

Umusi wa 13 w’ihiganwa ry’igihugu cose mu mupira w’amaguru wasize uhinduye bimwe ku vyerekeye urutonde rw’imfatakibanza. Ikinyamakuru mukunda shemezaclouds.com kikaba cashoboye kubakurikiranira zimwe mu nkino zabaye na cane cane izabonetsemwo imigwi ifise ibibanza bibiri vyambere.

Ku wa 28/11/2014, umugwi Athlético Olympic watanye mu mitwe na Prince Louis mu rukino rutari rworoshe. Umugwi Prince Louis ni wo wuguruje ibijanye no kunezereza abarorerezi ku gitsindo c’umusore yitwa ISSA yateye umupira ukaze hanyuma Kandolo asamira Athlético akawusama arekurira me’igoli. Icabonetse ni uko abakinyi Cédric amenyereza Athlético yari yatanguje mu kibuga ari abahora basubirira abandi muri rusangi, ariko ntivyabujije ko inyuma y’umunota umwe ISSA yinjije, ZACHARIA na we aca agombora ku munota wa 21 w’urukino. Igice cambere kigira gihere ni ho Fiston NZOMUKUNDA yatombora ku gusamara kw’abarinzi ba Prince Louis agatsindira ikigira kabiri umugwi wiwe Athlético. Inguvu, ubushake n’umwete vyo kugarura ivyo batsinzwe ntivyatumye abakinyi ba Prince Louis bashika ku ntumbero, mbere kimwe mu vyabaciye intege kukaba ukubera urukino rwaheze basigaye bari 10 gusa mu kibuga. Iyo ntsinzi ya Athlético (2-1) rero ikaba yatumye ikwiza amanota 28, igaca icakira ikibanza ca kabiri mu gihe LLB S4A yananiwe gutsinda Flambeau de l”Est (0-0) yahavuye isubira ku kibanza ca gatatu n’amanota 27.

 burundi soccer10
Athletico Olympic yatanguye mu kibuga

Mu gihe imigwi ikomakomeye itorohewe yose, nka Inter Star yatsindiwe i Bujumbura na NYANZA UNITED (1-2), Vital’o yoyo yahavuye yoroherwa mu kwakiriza VOLONTAIRE FC umuyoro w’ibitsindo (7-0), bibiri vyanyuma bikaba vyinjiye abakinyi ba VITAL’O batagikwiye bivanye n’ukubabara kwa Moussa MOSSI (HADJ) mu gihe igitigiri c’abasubirizi cari cakwiye.

Igitsindo cambere catsinzwe na Kaze Gilbert DEMOUNGA ku mupira uteretswe hasi (coup franc) yabonetse kw’ikosa rikorewe Styve Nzigamasabo ku munota ugira 7. Abandi bashoboye kwinjiza ni HADJ na J-Marie GIRUKWISHAKA, igihangange Laudit MAVUGO bakunda kwita Torres na we, inyuma yo kuterekana vyinshi i Muyinga akaba yahavuye yemeza abakunzi b’umugwi VITAL’O mu gutahana umupira yahawe kubera yashoboye kwinjiza ibitsindo 4 vyose wenyene, vyanatumye ahangama ku mwanya wambere mu kubabaza insenga. Aha rero amaze gukwiza 14 vyose mu gihe abamugwa mu ntege batarashikana na 10. Iyo ntsinzi iremereye y’ibitsindo (7-0) yatumye umugwi wa Gilbert KANYENKORE (Yaoundé) uguma mu kibanza cambere vy’imfatakibanza n’amanota 31, hagakurikira ATHLETICO n’amanota 28, iya gatatu ikaba LLB S4A na 27, mu kibanza gihereza ibindi hakaba haguma Académie TCHITE itararonka inota na rimwe naho iguma yongereza umwenda w’ibitsindo.

burundi soccer11burundi soccer12 

Imigwi Vital’o na Volontaire bakiriko barishusha (échauffement)
burundi soccer13
Ico gushima ni uko Abarundi bafise umutima wo kubabarana, akarorero ni uyu muvuzi wa Vital’o mu gufasha umukinyi wa Volontaire
burundi soccer14
Umusore SHASSIR aho yinjiriye habonetse ibitsindo bishika bine vyose
burundi soccer15
MAVUGO Laudit inyuma yo kwitsindira ibitsindo bine vyose wenyene

Izindi nkino mwomenya ni nka:

*Athletico Olympic 2-1 Prince Louis, *Inter Star 1-2 Nyanza Utd, *MessagerNgozi 3-0 A.TCHITE, *RoyalFC 1-0 MessagerBuja, *LLB 0-0 Flambeau’Est, *Muzinga 1-1 Buja City, RusiziFC 1-1 OlympicStar, *Vital’o 7-0 Volontaire

Amakuru yatanzwe na:

 

Share Button

Share Button

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *