IHIGANWA PRIMUS LIGUE MU MPERA Z’IGICE CAMBERE CA 2014-2015

By  |  0 Comments

Urukino rusozera ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaguru mu Burundi ntirworoheye umugwi VITAL’O usanzwe uramutswa ikibanza cambere.
Umugwi BUJUMBURA CITY, naho wari umaze igihe utavyifatamwo neza, wahavuye wivyukiraniriza ku mugwi wambere mu kuwutsinda 0-1, igitsindo catsinzwe na NDAYISENGA Kevin (Dambo) yaheruka gusezererwa na Vital’o, ku munota udashika uwa 4 w’urukino.
Urukino rwari rubereye ijisho kubera ubuhinga bwibonekeje ku mpande zose, mbere hakaba habaye uguhusha ibitsindo bitari bike.
Ukwo gutsindwa kwa Vital’o kwaciye kugarurira umwizero imigwi isanzwe iyikurikira ku rutonde rw’imfatakibanza, aho bikibonekeza ko amanota yahora atandukanya umugwi wambere n’uwakabiri yavuye kuri 6 akagaruka kuba 3 gusa, mukaba mwomenya ko iyindi migwi yose isanzwe iza mu bibanza 4 vyambere yashoboye kwitahukanira intsinzi.

Mu nkino zari zitezwe cane twovuga nka LLB S4A yatsinze VOLONTAIRE 3-1, muri ivyo 3, bibiri bikaba vyinjijwe n’umusatirizi akomeye CLAUDE NDARUSANZE batazira LAMBA-LAMBA inyuma yo kumara indwi zitari nke atabona igoli.
ATHLETICO na yo ikaba yatsinze bigoranye umugwi ucifashe nabi gushika ubu ari wo Academy Tchité 1-0, kikaba cabonetse ku mwiheburo udasanzwe mu gice kigira kabiri c’urukino.

Muri make rero, ico kuzirikana ni uko umugwi VITAL’O uhejeje igice cambere uri kw’isonga, mu nkino 15 ukaba watsinzwe gatatu, unganya rimwe utsinda inkino 11 zose.
Umugwi uhereza na wo ukaba wakoze ikitari bwaboneke mw’ihiganwa ry’Uburundi aho umugwi uheza igice caryo utigeze uronka inota na rimwe ahubwo ukaba uremerewe n’umwenda w’ibitsindo bishika 50!

Mu zindi nkino zabaye twovuga:
*Olympic Star 2-1 Royal FC,
*Inter Star 1-0 Prince Louis,
*Messager Buja 0-0 Nyanza Utd
*Rusizi FC 0-0 Flambeau’Est
*Athletico Olympic 1-0 Ac.Tchité
*Muzinga 1-1 Messager Ngozi
*LLB S4A 3-1 Volontaire
*Vital’o 0-1 Bujumbura City

bujasoccer

Abasore ba Bujumbura City, umugwi ufashwa n’uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bari bashajije nk’abipfuza intsinzi

 bujasoccer2
Umusore PEKEYAKE yasubiriye SHASIR ntako atagize ariko biranka ko umugwi wiwe uronka igitsindo
bujasoccer3
Umumenyereza YAOUNDÉ ati: “Turanezerewe kubona umwaka mushasha udusanze mu kibanza cambere ariko twari kunezerwa neza iyo tuwuhimbaza tutatsinzwe uyu musi.”
Ingene imigwi isumbanya amanota mu npera z’igice: 1.Vital’o 34pts +27 2. Athletico 31 +9 3.LLB 30 +22 4. Inter Star 27 +11 5. Messager Ngozi 23 +6 6. Flambeau 21 +5 7. Messager Buja 20 +3 8. Muzinga 20 +1 9. Royal 19 +0 10. Rusizi 19 -1 11. Buja City 19 -3 12.Volontaire 19 -6 13. Olympic Star 18 14. Nyanza Utd 17 -9 15. Prince Louis 13 -13 16. Tchité Academie 0 -50
Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *