“Primus Ligue 2014-2015” – Burundi

By  |  0 Comments

Burundi soccer

PRIMUS LIGUE Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ari ryo ryitiriwe “Primus Ligue 2014-2015” ryasozereye umusi waryo ugira cumi (10è journée) ku musi w’Imana igenekerezo rya cenda Munyonyo 2014. Inkino zose umunani zarakinywe, ariko urukino rwari rwitezwe gusumba izindi rukaba ari urwahuje imigwi ibiri yari isanzwe ikurikirana mu bibanza bibiri vyambere ku rutonde rw’imfatakibanza, umugwi ATHLETICO OLYMPIC ukaba wari wakiriye VITAL’O FC wawusumvya amanota atandatu yose. @ Icibonekeje muri nya rukino ni ukubura kw’abakinyi bamwe bamwe b’inkoramutima ku migwi yompi, aha twovuga nka Styve Nzigamasabo na Damour Nkurunziza ku ruhande rwa VITAL’O, tukavuga Issa Dieudonné asanzwe yibonekeza cane ku ruhande rw’i bubamfu rwa ATHLETICO, co kimwe na Kizigeza Nongwe Francis yasohotse mu kibuga urukino rukiri rubisi. @ Naho umugwi ATHLETICO wasubirije abakinyi babiri (Alexis na Francis) hakiri kare, ntivyawubujije gusa n’uwusumvya ubuhinga VITAL’O yaboneka ko yabuze uwusubirira Styve amaja hagati, igice cambere kikaba caheze imigwi yose ikinganya ubusa ku bundi (0-0). Igice kigira kabiri kikimaze iminota ibiri, ni ho igihangange mu baza imbere ku vyerekeye kwinjiza ibitsindo, Mavugo Laudit, yashobora gucenga abarenze umwe agahava aronsa igitsindo umugwi wiwe VITAL’O, ku munyaku uteye ubwoba aho Kandolo asamira ATHLETICO atabonye n’iyo waciye. Inyuma y’aho abasore bamenyerezwa na Kanyenkore Gilbert (Yaoundé) bahimbarije ico gitsindo, abamenyerezwa na Kaze Cédric ntibadendebukiwe gushika aho ku munota ushira uwa 66 w’urukino, ugusamara kw’umukinyi wa VITAL’O Céléstin Habonimana kwavamwo umupira utererwa mu mfuruka (corner), aho Nassor Niyonkuru yawurungitse neza cane ugahava utanga igitsindo co kunganya. @ Iryo nota rimwe ryatahukanywe na buri mugwi rikaba ryatumye uwambere VITAL’O ugabanya amahirwe yo kwidengemvya n’amanota menshi imbere y’iyindi migwi, ubu ukaba usigaranye ayatarenga atanu imbere ya LYDIA LUDIC yahavuye inasimbira mu kibanza …… ca kabiri igaca isumvya ATHLETICO inota rimwe. @ Mukaba mwomenya ko gushika ku musi w’icumi, imigwi itatu iza imbere ari 1.Vital’o n’amanota25, 2.LLB (20) 3.Athletico(19) , Umukinyi Laudit Mavugo akaba yakwije ibitsindo cenda mu nkino cenda yari amaze gukina, mu gihe umugwi uri aho umwansi awifuriza kuba ari Académie Tchité ata nota na rimwe uraharura, n’umwenda w’ibitsindo 29 vyose!

Burundi soccer2

Izindi nkino z’umusi ugira cumi ni izi zikurikira: -PrinceLouis7-1Académie Tchité, -Muzinga0-0Flambeau de l’Est, -Inter Star0-1Royal FC, -LLB S4A1-0OlympicStar, -MessagerNgozi3-1Nyanza Utd, -Rusizi FC1-0Messager Buja, -Buja city2-1Volontaire, -Athletico1-1Vital’0

Inkuru yanditwe na Wilson Melchior Kwizera

 

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *