WWW.SHEMEZACLOUDS.COM YIYEMEJE GUTANGAZA URUBANZA RUBABAJE RW’URUPFU DR.JACK PRO

By  |  0 Comments

FRANK PRO SHOW LIVE  intumbero yanje  yo kwifatanya hamwe n’umuryango w’umuhinyanyuzi w’igihangange mu muziki w’uburundi n’umuziki nyarwanda ariwe DOCTOR  JACK PRODUCTION yashoboye kwitaba umuremyi kw’itari 08/11/2014 ahitanwe n’urupfu. Urubuga rwacu WWW.SHEMEZACLOUDS.COM twiyemeje gushikirija  amwe mumateka yagiwe arakorwa na DR. JACK PRO kandi tukazo shobora kuguma tubamenyesha vyinshi yagiye arakora ndetse tuzobamenyesha n’ipfubwa ryiwe igenekerezo rizobera ko kuko kugeze uno mwanya  umuryango wa DR. JACK PRO ukaba uriko uraza muguhu c’uburundi bwacu ,uvuye umugihugu c’urwanda iyo hasazwe havuka umuhsi DR. JACK PRO. DR. JACK PRO yari umuntu ukundwa cane n’abaririmvyi bib’ihangange mu muziki wa EAST AFRICA nzoshobora kubamenyesha vyinshi nkuko ndabikora jewe FRANK PRO SHOW LIVE.

 

10806222_1525934114318464_4879060510256834541_n

Nka FRANK PRO SHOW LIVE  ntiyemeje kwiyegereza hafi umuryango wabuze ndetse n’incuti n’abagenza z’umuhisi DR. JACK. PRO hanini hano kuri WWW.SHEMEZACLOUDS.COM nkuko twamaze twashoboye kuba muba mbere bashoboye kumenya ningoga ko DR. JACK PRO yitavye Imana tukazoguma tubamenyesha uko bimeze gushika azojanwe gushingurwa nkuko amakuru tuguma turonka avuga ko bishobotse ashobora gushikungwa ku munsi w’ejo wa mbere itariki09/11/2014 tukazoshobora gukwirikirana hafi urubanza rwoguhamba umuhisi twakunda cane bivuye kumutima  mu muziki w’uburundi ukuntu bazoba bariko baramupfuba ariko twobamenyesha ko turashobora kuroonka amakuru yimvaho yaho DR. JACK PRO azoshobora gushingurwa hano mu Burundi canke mu Rwanda.

Amakuru dusha twashoboye kuronka avuye k’umuririmvyi akangora akaba umuhinyanyuzi  KOOK – K PRO amesha ko umuryango wa DR. JACK uzova uzoshobora gushika neza na neza mugihugu c’uburundi bwacu ku wa mbere  tugiye gutangura ninaho bazoshobora kumenya aho umuhisi DR. JACK PRO azoshingurirwa hatowe n’umuryango wabuze.

 

FRANK PRO SHOW LIVE ntorangiza ndababwira ko atayandi amakuru nzobashikiriza hano kuri WWW.SHEMEZACLOUDS.COM ishingurwa rya DR. JACK PRO ritarangiye kandi umuryango wiwe udasanzaje ikiliyo kigahera kandi nabwo tuzibagira mateka yiwe n’ibikorwa yakoreye igihugu c’uburundi bwacu muguteza imbere umuririmvyi w’umurundi amuhinyanyuriye indrimbo yiwe igakundwa n’abantu ikirenga.

Muragufa hafi y’urubuga rwacu WWW.SHEMEZALOUDS.COM mukuguma uronka ibijanye n’urupfu rwa DR. JACK PRO tukaba tubandanya twifatanya hamwe n’umuryango wiwe mukababaro kadasanzwe.

 

 

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *