ISHINGURWA RY RW’UMUHINYANYUZI DR. JACK PRO MURI EAST AFRICA ISANGO KU MUSI WA KABIRI

By  |  0 Comments

Uhinyanyuzi  DR. JACK PRO rurangiranwa mu muziki w’uburundi n’urwanda yakoze ibikorwa vyiza cane gose muguhinyanyura indirimbo z’abaririmvyi b’ibihangange muri EAST AFRICA yitavye Imana mw’ijoro ry’umunsi wa gatantu ushira umusi wagatandu itariki 08/11/2014 isango ry’ishingurwa ryiwe ry’amaze kumenyekana kuko umuryango wiwe maze wose watanguye gushika mugihugu c’uburundi bwacu uvuye mugihugu ikinyanyi c’urwanda aho hasanzwe havuka.

Twobamenyeshe ko incuti n’abagenzi baje kwifatanya  mugusangira hamwe umubabaro w’urupfu rwa DR. JACK PRO baje bavuye mugihugu c’u Rwanda biriko birashimwa cane gose na KOOK – K ariwe arongoye STUDIO GOLDEN RECORDS yakoremwo nyakwigendera DR. JACK PRO.

10423637_1489049234716454_2521049772925053239_n-300x336

R . I . P DOCTOR JACK PRODUCTION

 

Munyuma yaho umuryango wa RD. JACK PRO utari bwashike mugihugu c’uburundi bwacu bari babanje kwiyumvira neza aho boshora kuzohamba nyakwigendera DR. JACK PRO hagati y’igihugu c’uburundi bwacu hamwe n’igihugu c’urwanda kivukamwo DR. JACK PRO twokubwira ubu hamaze kumenyekana igihugu kizohabwamwo DR. JACK PRO akazohabwa hano mu Burundi ku musi w’ejo itariki 11/11/2014 mw’itongo ry’abapfuye ryo kumpanda i Bujumbura guhera igihe c’isaha zitatu za gatondo abantu bose baririmvyi n’abaririmvyikazi , abamenyeshamakuru bose bazoba bamaze kuza ku bwinshi gupfuba DR. JACK PRO.

 

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *