USA: Ijambo Rya mbere Donald Trump Ishikirije imbere y’ Inama ya Congress

By  |  0 Comments

Mw’ijambo ryiwe rya mbere, imbere y’Inama nshingamateka na nkenguzamateka, k’umugoroba wo kur’uyu wa kabiri, Prezida Donald Trump wa Amerika yatangaje ko yumvirije abanyagihugu ba Amerika, kandi ko aza yatanguye gushira mu ngiro amategeko ajanye n’abimukira. Prezida Trump amenyesha ko ivyo bizofasha kugarukana amafaranga aharugwa muma miliyaridi y’amadolari.




Prezida Trump yagarutse k’umugambi wiwe wo kwubaka uruhome rugabura Mexique na Amerika, m’ukuvuga ko ari ikigwanisho gikomeye co kugwanya ibiyayuramutwe hamwe n’ubwicanyi. Prezida Trump yatangaje kandi ko ariko arafata ingingo zo gukingira bikomeye igihugu ku bijanye n’ibikorwa vy’iterabwoba rya isilamu. Avuga kandi ko Amerika yatanze ama miriyaridi y’amadolari mu mahanga, mu gihe inyubako zayo ziriko zirasambuka.

Kubwa Prezida Trump, Amerika ntishobora guter’imbere idashize abanyagihugu bayo imbere. Prezida Trump yagarutse kandi kuvyo amaze kurangura mu kiringo amaze arongoye Igihugu, harimwo amashirahamwe amaze gutangura gutanga ubuzi.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *