Donald Trump Nta Vyemezo Aratanga Vy’Uko Obama Yamwumvirije Kuri Telefone

By  |  0 Comments

Sean Spicer, Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, yatangaje ko Donald Trump, atashatse kuvuga ko Barack Obama, yahoze ari Umukuru w’ico gihugu, yumvirije telephone ziwe igihe Trump yariko ariyamamariza kuba perezida, nk’uko Trump yaheruka kubitangaza ku rubuga rwiwe rwa Twitter.

Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru mu biro vy’Umukuru w’igihugu, Maison Blanche, Sean Spicer yagerageje guhwamika ivyatangajwe na Trump ku rubuga Twitter, ko Obama yategetse gushiraho uburyo bw’ukwumviriza telephone ziwe mw’ihoteri yiwe mu gisagara ca New York.

 

Donald J. Trump, Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika

Sean Spicer, ntiyibaza ko uwahoze atwara Amerika Obama yagiye gushiraho ubwiwe uburyo bw’ukwumviriza telephone ziwe.

Donald Trump yaratangaje abatari bake mu ntango z’uku kwezi mu kuvuga ko Barack Obama yategetse kwumviriza amatelefone yiwe imbere y’amatora y’Umukuru w’igihugu muri Amerika.

 

Sean Spicer, Umuvugizi wa Maison Blanche

Imbere yaho, umuhazi wa Donald Trump, Kellyanne Conway, yatangaje kw’ata vyemezo afise bishigikira ivyatangajwe na Trump vyuko telephone ziwe zumvirijwe.

Kellyanne Conway, avuga ko kuronka ivyemezo bitari mu kazi ajejwe. Avuga kw’ari igikorwa c’abajejwe itohoza.

Umurwi w’inama nshingamateka ujejwe iperereza wari watanze gushika ku musi w’ejo hahise itariki 13/03/2017 ku wa mbere kugira ivyemezo bishigikiye ivyatangajwe na Donald Trump bibe vyashikirijwe.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *