USA: Itegeko Rishasha Rigenga Abimukira Rya Donald Trump Ryahagaritswe.

By  |  0 Comments

Nkuko Ikinyamakuru Yahoo News cabitangaje, mu gihe itegeko ribuza abimukira baturuka mu bihugu bitandatu, bigizwe ahanini n’aba isilamu, ryatanguye gushirwa mu ngiro kur’uyu wa kane, umucamanza w’Igihugu, muri Reta ya Hawaii( imwe mu ma Leta ya Amerika), Derrick Watson, yatangaje ko iryo tegeko arihagaritse.

Watson yanditse avuga ko iryo tegeko ar’irizobangamira uruja n’uruza rw’ingenzi zinjira mur’iyo Reta, mu gihe arizo zinjiza amafaranga menshi mu kigega c’iyo Reta.

 

Umucamanza Mukuru wo muri leta ya Hawaii

Ayandi ma Reta ashika kur’atandatu nayo nyene yarahagaritse iryo tegeko mu kuvuga ko rikumira aba isilamu. Ni mu gihe abashingwamanza bavugira ubushikiranganji bw’ubutungane bobo bavuga ko iryo tegeko ataco rivuga kijanye n’idini.

Iri ribaye irigira kabiri umucamanza wa Reta ahagarika itegeko ry’umukuru w’igihugu Donald  Trump, ribuza ingenzi zituruka mu bihugu bigizwe ahanini n’aba isilamu.

Mu gihe abashikirizamanza ba Reta bavuga ko umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika afise uburenganzira bwo kubuza abantu bamwe bamwe kwinjira k’ubutaka bwa Amerika ku mvo z’umutekano, abarigwanya bo basigura ko iryo tegeko rikumira abantu ryisunze idini, kandi ko ritubahiriza ibwirizwa shingiro.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *