USA: Amerika Isabwa Kugaruka mu Biganiro vya Afuganistani

By  |  0 Comments





Igihugu c’Uburusiya gisaba ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika yokwinjira mu biganiro vyo kugarukana amahoro muri Afuganistani. Ivyo vyatangajwe mu gihe umuhanuzi muvy’umutekano muri Afuganistani ariko aritegura kuja I Moscou m’Uburusiya kuvugana n’ubutegetsi bw’ico gihugu ku bijanye no gusubiza hamwe hagati ya Reta n’imigwi y’abagwanyi b’aba talibani itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Afuganistani.

Afuganistani yari yatangaje ko ibiganiro vyahagaze vyosubira gutangura, yamara abategetsi ba Amerika bavuga ko har’ikibazo ku bijanye n’uko Uburusiya bwari bwashatse kwigarurira ivyo biganiro. Uburusiya bwarinubwe kur’iyo ngendo, ivyatumye butumira ibihugu vyo mu karere, Ubuhindi hamwe na Irani, mu biganiro vyabaye mu kwezi guheze.

Mur’iyo ntambara, Reta ya Afuganistani hamwe na Amerika vyagiriza Uburusiya ko bufasha umugwi w’aba talibani usanzwe ugwanya ubutegetsi. Bakavuga ko bisa n’uko buter’imigere ibiri. Yamara Uburusiya buvuga ko imigenderanire yabwo n’aba talibani atari myinshi kandi ko bufise intumbero zo gusaba uwo mugwi ko wokwemera ukaja mu biganiro vy’amahoro.



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *