Koreya y’Epfo: Abanyagihugu Bahimbaje Ikomborwa rya Prezida

By  |  0 Comments

Muri Koreya y’Epfo, Park Geun-Hye, aheruka gukugwa mu mabanga y’Umukuru w’Igihugu ntaco yigeze atangaza ku bijanye n’iryo komborwa, kuva sentare ijejwe ibwirizwa shingiro ifashe iyo ngingo k’umunsi wa gatanu. Abafasha biwe batangaje ko ariko aritegurira kwimuka ava aho yahora aba ku ngoro y’Umukuru w’Igihugu.

Kur’uyu wa gatandatu, abanyekoreya ibihumbi n’ibihumbi bihereje amabarabara mu ntumbero yo gushigikira ingingo ya sentare ijejwe ibwirizwa shingiro. Ni mu gihe har’uwundi mugwi nawo wakoze imyiyerekano yo gushigikira Park, wiyamiriza iyo ngingo mu kuvuga ko ar’ubwicanyi bwa politike bwakozwe.



Igipolisi cari cagavye mur’iyo myiyerekano, bivuye ko abantu batatu baza barahitanywe n’imyiyerekano yabaye inyuma y’aho iyo ngingo itangarijwe. Tubibutse ko ikomborwa rya Park Geun-Hye, mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu ryatewe n’ibirego vy’uko umwe mu bishikira biwe yakoresheje igihagararo ciwe mugusaba imfashanyo y’amafaranga angana n’imiliyoni mirongo itandatu na zitanu z’amadolari.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri kw’umwaka uheze, abashingamateka amajana abiri na mirongo itatu na bane ku majana atatu basanzwe bagize inama nshingamateka bakaba bari baciye basaba ko hakorwa amatohoza kur’ivyo birego. Ivyo vyakuye icizere abanyagihugu bari bafise kuri Park Geun-Hye nk’umutegetsi atary’igiturire.



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *