Somaliya: Igitero c’Abiyahuzi Cahitanye Abantu Batanu

By  |  0 Comments

Imodoka itezwemwo ikibombe yaturitse k’umugwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio, kur’uyu wa kabiri. Ico gitero cabereye hafi y’ikirindiro c’abajejwe umutekano, kiri iruhande y’inyubakwa y’Umukuru w’igihugu. Cahitanye abantu batanu, n’abandi cumi n’umwe bakomeretse. Batatu mubo bcahitanye bar’abasirikare, nk’uko vyatangajwe n’umuvugizi wa Reta mur’ako karere.

Umugwi w’abagwanyi ba kisilamu, al-Shabaab watangaje ko ariwo wakoze ico gitero. Uwo mugwi usanzwe ukorana n’umuhari al-Qaida uramaze gukora ibitero vy’abiyahuzi bitari bike I Mogadiscio, ibitero uganisha akenshi ku nyubakwa z’uburaro n’uburiro, ahaba hakoraniye abategetsi ba Reta.

Ico gitero kibaye ica mbere kibaye kuva Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed atanguye amabanga yo kurongora Igihugu. Abanywanyi b’uwo muhari bakaba batangaje ko batamwemera, bagasaba abanyagihugu kutamushigikira. Umuhari al-Shabaab ubandanya kubangamira umutekano muri Somaliya. Ni mugihe abasirikare ba Somaliya, bafashijwe n’inteko z’Ubumwe bwa Afrika badahengeshanya gukora ibitero vyo gutuza uwo mugwi.



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *