Breaking News: Israyeli Yahanganye n’Umuhari Hamas

By  |  0 Comments

Muri Isirayeli, hafi y’igisagara ca Ashkelon, haguye igisasu caje giturutse mu karere ka Gaza, kur’uyu wa gatandatu. Nta muntu cahitanye canke ngo gikomereketse.

Yamara Isirayeli yaciye isubiza nayo mu kurasisha ibiduga vy’ingwano, n’indege, itumbereza ku birindiro bibiri vy’umuhari wa Hamas. Gushik’ubu nta makuru ajanye n’uko ivyo bitero vyoba har’abo vyahitanye.




Mu kwezi guheze kwa kabiri, Isirayeli yarasubije ibitero nk’ivyo umuhari Hamas, bikomeretsa abanyepalestina bane. Ibisasu vy’ibigendajuru biramaze guterwa akatari gake, bikagirizwa imirwi y’intagondwa z’aba isilamu ikorera mu karere ka Gaza.

Yamara Isirayeli yagiriza umuhari Hamas kw’ari wo ukora ivyo bitero bituruka mur’ako karere ka Gaza.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published.