Somalia: Hamaze gupfa abashika Ijana bishwe n’ inzara

By  |  0 Comments

Abategetsi muri Somaliya batangaje ko abantu barenga ijana na cumi, bagizwe ahanini n’abagore hamwe n’abana bamaze gupfa mu kiringo c’iminsi ibiri, biturutse ku ndwara zo kubura amazi m’umubiri kubera ubugaragwa bumaze iminsi. Ivyo vyatangajwe n’Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, Hassan Ali Khaire, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Ali Khaire yasavye abanyagihugu hamwe n’amakungu gushiraho uburyo bwo gutabara vyihuta ubuzima bw’abantu. Ishirahamwe ryitaho abimukira, OIM, risaba amafaranga arenga imiliyoni mirongo ibiri na zine z’amadolari kugira rishobore gufasha abanyagihugu ibihumbi bugarijwe n’uruzuba. ONU yari yatangaje mu mezi abiri aheze ko vyihutirwa gutabara abantu ikiza c’uruzuba kitarababangamira.




Abanyagihugu bamenyesha ko m’uturere twa Bakol, m’ubumanuko bushira uburengero, abashika ku mirongo itandatu bahitanywe n’indwara zo gucibwamwo. ONU ikavuga ko abanyagihugu barenga imiliyoni zitandatu, n’ukuvuga igice c’abanyagihugu bo muri Somaliya, babangamiwe n’ico kiza.

Mu kiringo c’amezi abiri aheze abatari bake baza barahungiye mu bisagara bininibinini. Mu ntango y’iyi ndwi, Prezida Mohamed Abdullahi Farmajo yaratangaje ko Igihugu kiri mu bihe bitoroshe, avuga ko kiriko kiragwana n’uruzuba hamwe n’ikiza c’inzara.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *