Kayanza: Abadandaza bagiriza ikigo OBR ko kibarihisha amakori y’umurengera

By  |  0 Comments

Abadandaza bo mu ntara ya Kayanza baragiriza abakozi b’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR ko babarihisha amakori y’umurengera ku bidandazwa kandi badakurikije amategeko.

Abo badandaza bamenyesha ko mu gihe baba barishe amakori ku mupaka w’Urwanda n’Uburundi, hari abakozi b’ikigo OBR babasanga aho basanzwe badandariza bakabasaba ayandi makori.

Abadandaza mu ntara ya Kayanza bamenyesha ko batangazwa no kubona abakozi b’ikigo kijejwe gutza amakori n’amatagisi bafata ibidandazwa vy’abadandaza bato bato baba baranguriye ku badandaza baranguza.

Ku ruhande rw’ikigo OBR mu ntara ya Kayanza, bamenyesha ko ibidandazwa bifatwa ari ibidandazwa biba vyinjiye mu gihugu bitarishe amakori.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published.