Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi usaba uwufise ico azi kugishikiriza

By  |  0 Comments

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amatohoza ku Burundi usaba uwufise ico azi kw’ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka wa 2015 kubishikiriza uwo murwi.

Uwo murwi w’amatohoza umenyesha ko ikizoshikirizwa cose kizofatwa nka nkama kuko kizoba kirimwo ibiranga uwakoze ibikorwa vyo guhohotera agateka ka zina muntu, kandi bizofasha kumenya nimba bizokwigwa mw’ibanga kimwe cose ukwaco canke muri rusangi.

Uwo murwi w’amatoza ugizwe n’abahinga batatu b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU umenyesha ko uzofata ingingo zose zikenewe kugira ivyabona bikingirwe.

Umurwi w’abahinga ba ONU ujejwe amatohoza ku Burundi wari washizweho inyuma y’amatohoza yakozwe n’abahinga bigenga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho bamenyesha ko mu Burundi hari ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorwa n’abari mu nzego za Reta.

Uwo murwi w’amatohoza ku Burundi ugizwe na Fatsah OUGUERGOUZ ava mu gihugu ca Algeria, Reine Alapini Gansou ava mu gihugu ca Benin hamwe na Reine Alapini Gansou ava mu gihugu c’Ubwongereza.

Mwomenya ko uwo murwi w’amatohoza ushobora gusaba ko abagiriwe n’ivyaha bakurikiranwa n’ubutungane.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *