CAF: Perezida Mushasha wa CAF ni Ahmad Ahmad

By  |  0 Comments

Umunyamadagascari Ahmad Ahmad niwe yatowe kurongora ishirahamwe ry’Afirika ry’umupira w’amaguru, CAF asubirira Issa Hayatou yar’amaze imyaka 29 arirone.





​Ahmad yatahukanye ico kibanza mu matora yabereye I Addis Ababa k’umurwa mukuru wa Etiyopiya kur’uyu wa kane kumajwi 34 kuri 20 ya Hayatou. Intumwa zari zitavye ayo matora zarakeje Ahmad kur’iyo ntsinzi yatahukanye.

Ahmad, afise imyaka 57 y’amavuko yarigeze kuba umukinyi w’umupira w’amagurumuri Madagascari, munyuma aba umumenyereza imbere yuko atorerwa kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Madagascari mu mwaka w’2003.

Hayatou asubirijwe yarongoye CAF kuva mu mwaka w’1988 kandi ari no mubategetsi bakuru b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA. Muvyo ashimirwa n’uko yabashije gushikana imirwi itari mike y’Afirika mu gikombe c’umupira w’amaguru c’isi kandi arateza imbere ivy’ubutunzi mu mahiganwa y’Afirika.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *