Inyigisho 03: N’ iyihe myuga ushobora gukora ikakwinziriza umutahe mu Burundi

By  |  0 Comments

Igihugu c’ uburundi aho kigeze ubu siho cari kiri mu myaka iheze. Hari impinduka nyinshi kandi iterambere ririko rij’ imbere. Uko rero ibintu bitera bij’ imbere niko n’ urudandazwa hamwe n’ ibidandazwa biduga ibeyi. Umwanya rero wo gukora n’ uyu uburyo bugikunda. Ngiye kukubgira imyuga itandukanye ushobora gukora ikakwinziriza umutahe.

Icambere ukwiye kumenya, akazi kariko kose n’ umwuga. N’ akazi ko kuba umukozi wo munzu nako nyene n’ umwuga kuko atari benshi bashobora kubikora.

1. Urudandazwa rwa Boutique: Kwuguruza Boutique, ntibigoye cane nkuko benshi bavyibaza. Ibintu vyambere ukwiye kwibaza imbere yo gushinga boutique n’ ibi: Ngomba kudandaza ibiki? abazonshorera ni bande? ikibanza nzokoreramwo boutique kizoba kiri majahe? Iyo ugomba kwuguruza boutique, utugerezwa kandi rero kuraba neza ko ivyo wifuza kundandaza bihurumbirwa na benshi. Ikibanza, kugira uroranirwe neza kandi uronke abateja, gitegerezwa kuba kir’ ahantu haboneka, benshi bashobora kuhabona. Bigusaba kwihweza neza ivyo utegura kudandaza intara na commune bihurumbirwa cane. Umutahe wifuza gutangurana n’ icangombga cambere ukwiye gutegura inyuma y’ aho wamaze gutekereza neza ivyo wifuza kudandaza. Mbe uzobirangurahe? Mu gihugu c’ uburundi? Mu bihugu bibanyi vya afrika y’ ubuseruko? Ivyo vyose nivyo ukwiye kwibaza mu ntu mbero yo kurangura imigambi yawe y’ urudandazwa rwa Boutique. Ntuhere ku bintu vyinshi bizimvye, ariko naho wotangurana na bike ukabikoresha neza urashobora kuraronirwa ukagenda uduga bukebuke. Ukurikirane neza kandi ko harico reta ibisabako mur’ uno mwuga kugira ntiwinjire mu ngorane na reta.

2. Umwuga w’ ukwubaka: Uno mwuga ugusaba ubumenyi kugira ube umwizigirwa kubifuza kwubakisha amazu yabo. Hari amashirahamwe menshi mu gihugu yigisha kino gisata c’ ubgubatsi, ndetse hari n’ amashure yandi asanzwe yigisha uno mwuga. Mu gihe rero utabifitiye ubumenyi, vyoba vyiza ukagira uwo mwete wo kwigira ubgubatsi kugira ushike ku mugambi wo kwubaka. Mu ntumbero yo kuroranirwe m’ uruno mwuga hari vyinshi utegerezwa kwibaza: Nzokwubaka m’ uburere nyabaki? Ni hehe hagwiriye kino gikorwa? Nshobora kuronka abateja gute bafise imigambi yo kwubakisha amazu yabo? N’ ubgoko bg’ amazu nyabaki abantu bahurumbira mur’ uno mwuga? Ibikoresho vyo kwubaka nzobigurira he? Mu gihugu canke hanze? N’ ubuhinga nyabaki nkwiye kwiga kugira ndushe gato abanzwe bakora uwo mwuga mu nzira yo kuronka abateja benshi? Bisaba umutahe ungana gute kugira nshobore gutangura uno mwuga? Hari ama documents reta insaba mu bijanye n’ uno mwuga? (ngiye kuzotanga inyigisho ijanye n’ umwuga wo kwubaka kugire uzogire umuco mwiza wo kurangura neza uno mugambi)

3. Umwuga wo gushona: Gushona navyo rero burya birimwo umutahe kandi urinziza cane mu gihe ubikoze mu nzira nziza. Hari amaduka menshi mu gihugu no hanze y’ igihugu yama yifuza ibintu bishasha vyo kwundandaza (brands). Wewe nk’ umushonyi bica bigusaba kwiheza neza umushono mushasha, ushobora gukundwa n’ abantu akaba ariwo ukora. Urashobora kuzana umushono mwiza w’ ama suit, amakanju y’ abagore n’ abigeme, amashati agezweho meza, ubgoko bg’ amakoti (Jacket) agezweho kandi amara imbeho. Umaze kugira iyo mishono, bigusaba guca utemberera amaduka, ukabereka imishono yawe ko boshobora kuyirangura. Ntugume mu gihugu gusa, twara imishono yawe no hanze y’ igihugu, kugira wagure igikorwa cawe. Udafise ubumenyi bgo gushona, har’ amashure menshi y’ imyuga mu gihugu ariko yubakwa muri wa mugambi wo kwubakisha amashure y’ imyuga kubatashoboye kubandanya amashure. Ubu reta ivugako igeze kumashure ashika canke arenga ijana amaze kwubakwa.

4. Guhinyanyura Amasananu n’ amajwi (Videography and Audio Recording): Mur’ ino myuga, n’ ubuhinga buhanitse bugusaba icambere kuba ufise Ordinateur (Computer), Kamera (camera) kubifuza guhinyanyura amasanamu. Duhereye k’ umwuga wo guhinyanyura amasanamu. N’ umwuga uzimvye ugusaba uburyo. Ibikoresho vy’ uwo mwuga biranzimvye kuronka. Mu gihugu ubu hari ama studio menshi akora ako kazi. Ibibazo rero, ukwiye kwibaza nibi: Abateja nobaronka gute? Noronka ukwizera kwabo gute kugira bakunde ibikorwa vyanje ko hari abasanzwe bakore ico gikorewa kandi bamenyekana? Abaririmvyi bifuza gukora amasanamu bangana gute mu gihugu? N’ intara nyabaki irimwo abifuza gukora amasanamu? Har’ ibisata vyinshi vya video productions: Abakora urubanza bg’ ubukwe,  Isabukuru y’ amavuka, imisi mikuru y’ indi isanzwe, abaririmvyi ba Gospel n’ ab’ isi, Amakampuni yifuza gukora amasanamu yamamaza urudandazwa rwabo. K’ uruhande rw’ abifuza guhinyanyura amajwi (Audio recording), n’ uno mwuga ntuzimbutse kuko ibikoresho n’ ama program bizimvye. Rero n’ ugutegura neza aho ugomba gukorera ico gikorwa kandi ko hariho abateja woshobora kuronka.  Nobanza kuguhanura, kugira ugire ubushakashatsi bginshi imbere yuko ukora kino gikorwa. Urashobora kunyandikira kuri inyigisho@shemezaclouds.com ukambaza ibibazo wifuza kumenya! canke ukandika muri commentaire ivyifuzo vyawe n’ ibibazo ufise.

5. Cinéma: Uno mwuga urimwo amahera menshi mu gihe uwukoze neza. Urashobora kwuguruza ibibanza  vyo kwerekana amashusho nkina mico (movies) n’ indirimbo nko mu ntara n’ ama commune adafise ama Cinéma menshi barabiraho ama movies. Umutahe bigusaba ni kugura Television (TV), umuyaga nkuba canke ukagura Generator yawe. Bishobotse ukanagura Satalite iguha kwerekana inkino zitandukanye z’ umupira w’ amaguru n’ ibindi! Vyiza uhera hasi ukagenda uduza bukebuke kurugero rushimishije kandi rutavuna. Bigusaba kugira ubushakashatsi, ugatembera mu ntara zitarinke kugira umenye aho bafise Cinéma n’ aho batazifise. Ukagenda ubaza abantu, hahasa urwaruka ko iyo uzanye cinéma mu gace kabo, uko bovyifatamwo, ko bovyitaba. N’ ukwiga kandi aho uzoza ugurira ama DVD y’ ayo masanamu uzoza urerekana.

Har’ imyuga myinshi cane nk’ akarorero: Kurima, kuroba, kworora, gukora ivyuma vyononekaye nk’ amaradio, amakinga, imiduga, ibikoresho vyo munzu kubafise amazu atey’ imbere, n’ iyindi myuga itandukanye. Vuba ngiye kuzoyandika nkabasigurira ingene ukwiye kuyirangura ukaroranirwa. Ufise ikibazo nyandikira kuri inyigisho@shemezaclouds.com canke wandike muri commentaire. Naruguruje group ya Whatsapp aho ushoroa kuronka amakuru y’ ubutunzi n’ iterambere bitakugoye kandi ukabaza ibibazo bitandukanye. Nyandikira inamba zawe za whatssapp kugira nce ndagushiramwo. Zinyandikire kuri inyigisho@shemezaclouds.com

By Apôtre Seth Kaburungu

Inyigisho zikurikira: “Inyigisho 04: Inzira nziza zo kuronka umutahe

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *