Igitabo “Imigenzo y’ Imana” canditswe n’ Intumwa Seth K. Vyamungu

By  |  0 Comments

IMG_2046

Intumwa y’ Imana Seth K. Vyamungu avuga ubutumwa mu mahanga adahagaze mw’ idini na rimwe, aherutse kwandika igitabo “IMIGENZO Y’ IMANA” mu kirundi, aho casohotse mu kwezi kwa Gitugutu (ukwicumi) uno mwaka turimwo wi 2015.

Mubiganiro yagiriranye na Radio Indundi yavuze ko yanditse kino gitabo mu ntumbero yo kwigisha no kumenyesha ihanga ry’ abarundi Imigenzo y’ Imana. Intumwa Seth Kaburungu avuga ko benshi batamenya Imigenzo y’ Imana canke babimenya ariko bakavyirengagiza, nuko rero avuga ko muri kino gitabo, bizoha umukirisu kumenya aho ahagaze n’ uko akwiye kwitwara.

Kino gitabo kubaba mu bihugu vyo hanze bashobora kukironka kumafaranga ahembutse y’ amadorare $15. Ushobora kugura kino gitabo uciye k’ urubuga rw’ urudandazwa rwa Shemeza Store kumurongo ukurikira; www.shemeza.com canke ukamwakura kuri Facebook “Seth Kaburungu” “facebook.com/afroshemeza

Kino Gitabo muri kano kanya kiramaze gushika mu ntara zitandukanye za America na Canada. Kuri wewe umaze kukigura, urashobora kutubgira ivyo wiyumvira kuvyanditswe murico gitabo hepfo muri comments canke utwandikire kuri shemeza2009@gmail.com kugira ngo dushobore gusangira ivyiyumviro vyawe n’ abandi

Tuzobandanya tubamenyesha vy’ inshi nkuko mubimenyereye, mushishikare mudukurikirana hafi!

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *