Inyigisho 04: Inzira nziza zo kuronka umutahe w’ imigambi-Burundi

By  |  0 Comments

Ingorane ihanze benshi, bidoga ko imigambi bayifise ariko umutahe (uburyo) aribgo bubagora kuronka kugira bashike ku migambi yabo. Muri no nyigisho, ngiye kuguha uburero butari buke bgotuma uronka uburyo kugira urangure imigambi yawe.

Kimwe warukwiye kwibuka n’ uko ibintu bitanyaruko nkuko wewe uvyibaza. Iyo ugomba gukora ikintu, ugashaka ko kiba vuba na vuba nkuko ubitegekanya, uzoba uriko urihenda kuko haraho bizoguc’ intege, bigatuma wihebura ukabivamwo. Umutahe uvana n’ uburemere bg’ ibikorwa ugomba gukora. Niwagomba gukora project itwara umuriyoni w’ amarundi kandi uzi ko atanakazi ufise canke ngo uronke ingurane kwi banki, noguhanura ko wo kwihweza uwundi mugambi uzimbutse ushobora kuronka uburyo bgiza.



Hari imigambi nigeze gusangira n’ abanyanyi ushobora gukora, kanda hano usome izo nyigisho

Kuronka umutahe biroroshe kandi bikagora bivanye n’ inzira uhaye ucamwo. Abantu benshi nabonye bakengera akazi kuko kabaha umutahe muto. Ndibuka hari project nari natanguje mu gihugu mu bujumbura, abakozi nari nashatse gukoresha twumvikana kwari muntango ko nzobahemba 20.000FBU buri kwezi, nkazogenda ndabaduza uko ibikorwa bitera bijimbere, ariko baranka ngo mpaka ndabahe ibihumb’ ijana vy’ amarundi buri kwezi. Naciye ndabihoza mbandanya project n’ abandi. Akazi naho koba kakwinziriza igihumbi c’ amarundi, ntugakengere canke ng’ ukareke. Gakore hama ube urakora n’ ubundi buzi kuruhande. Akazi kose baguhemba umushahara hisunzwe uburemere bg’ akazi n’ urutonde rw’ imisi uzoza ukorerako. Urashobora kuronka akazi ukora kabiri mu ndwi, ukagenda kandi ukarondera akandi kazi ukora muriya misi udakora muri karya kazi kambere. uko niko ugenda uraronka umutahe.

Arya mahera uronka makeya m’ ubuzi uba waronse, wige kuyaziganya. Wige gukoresha uburyo neza, uzigame amahera runaka mu migambi yawe. Hari amashirahamwe ushobora kwiyunga nabo bakagufasha kuziganya no gukoresha neza umutahe wawe ukaroranirwa. Warukwiye kwiga kandi ko mu gihe utaziganya mumashirahamwe canke mu ma Banki, ntamahirwe ufise yo kuronka ingurane. Kuri turya duke uronka, ukatuziganya haba muri Banki, mw’ ishirahamwe, cank’ aho wewe ubona hakwiye naho wiyaziganyiriza muhira, izo ni zimwe mu nzira ko kwitez’ imbere. Kuko usanga urwaruka rwinshi, buri mafaranga yose aronka aca ayakoresha, kandi ugasanga ahaye ayakoresha mu bintu bitamufitiye akamaro.

Kand’ iy’ urondera umutahe ntibisigura ngo uzoca uwuronka mu gihe gito nkuk’ uvyifuza. Birat’ igihe, bigusaba kugira ukw’ ihangana n’ ukudac’ intege. Ushobora kuba ufise abagenzi hanze canke famille hanze bashobora kugufasha, ariko bisigusaba kuba umwizigirwa kuko benshi mu gihugu havurwa kw’ arababeshi, iyo abo hanze bagize project mu gihugu, abo bakorana badakora nkuko babgiwe. Kuba umwizigirwa birakenewe muntumbero yo kwitez’ imbere. Abo bagwiza tunga bose ubona uno musi bafise uburyo bginshi nuko nabo bakiri mu ntango bize kuba abizigirwa hama mu bagenzi, kuma banki no muzindi nzira babona zishobora kubatez’ imbere.

Uburyo rero ntibgizana, niwe uburondera. Ntugende usegerereza abantu ngo ndafise imigambi nifuza uwumpa uburyo, haba namba. Rondera akazi, rondera ibiraka, bigusaba kuja hanze yigihugu ukaja mu bihugu bibanyi jayo, ukore hama utahe mu gihugu urangure imigambi yawe. Kurondera akazi s’ ukuguma muhira, hari amazu menshi ahaye yubakwa haba amahoteli, amarestora, n’ izindi nyubakwa nyinshi z’ urudandazwa rutandukanye, genda aho bahaye bakorera ubaze wumve ko bafise n’ akazi gatoya botanga ukaronka na makeya. Genda mubagwiza tunga ubaze ko bafise ubuzi botanga bakakuriha na dukeya. Mu gihe ugomba kwigira nk’ uwifise, ukishiramwo ngo jewe aka na kiriya kazi ntako nokora, iterambere rizoba rikunaniye. Kwicisha bugufi n’ ikintu cambere mu buzima bgo kuroranirwa. Udafise indero yo kwicigisha bugufi, ntaho uzokwigera ushika nahamwe. Kur’ amaboko mu mpuzu ukore, nimba har’ uwo hanze aguhaye akazi, ba umwizigirwa ukore nkukw’ akubgiye kugira nawe ushike kuntambge ishimishije y’ ubuzima.

Andika muri commentaire canke unyandikire kuri inyigisho@shemezaclouds.com ukaba ufise ivyiyumviro cank’ ibibazo.

By Apostle Seth Kaburungu 



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *