Inyigisho 02: Uwushaka umubira abira akuya; wige gusoma ibishobora kugutez’ imbere!

By  |  0 Comments

Ubu abenshi mu gihugu c’ uburundi barafise amaterefone agezweho ashobora kujamwo Internet n’ am’ applications, kandi nabafise uburyo barashobora kugenda kuri Cyber (Library) bagakoresha imvyuma ngurukana bumenyi (Computer), kugira bashobore kwiga iki na kiriya.

Nohanura abarundi bagenzanje kugira umwete wo gusoma ibisomwa bishobora kubafasha kwiyungunganya mu mibereho yabo. Zino nyigisho ngiye kuzoza ntanga, ndavyizeye neza niwagenda uzisoma ukazizirikanya, uzoshobora guhindura imibereho yawe, ugater’ imbere. Ariko bizogusaba cane kugira umwete wo kwitaho gusoma zino nyigisho, n’ izindi hirya no hino zishobora kugufasha mu vyo wifuza kurangura.




Gusoma bifise akamaro kanini cane. Muri vyinshi jewe maze gushikako nuko nagize umwete cane wo gusoma ibitabo, artikle (articles), n’ ibindi vyinshi bifise inyigisho kuvyo mba ngomba gushikako. Ubgenge burarahugwa, ivy’ uwundi yaciyemwo canke ingene yabikoze, bishobora kugufasha nawe kugira ugire umuco mwiza wo kurangura ibikorwa vyawe.

Har’ ibiganiro ku maradiyo vy’ iterambere, bigusaba kubironderer’ umwanya mu gihe bishobotse ukaz’ urumviriza, kuko bizogira ico bikumariye, ukahigira iki na kiriya. Wirinde gukoresha umwanya wawe uko bidakwiye, ugasanga ufashe umwanya munini mw’ irigara canke mu bindi bidafise akamaro kandi hari vyinshi wokora bikakugirira akamaro.

Mugihe ufise uburyo, fat’ umwanya usome ibitabo bifise inyigisho z’ ukungene ushobora kwitez’ imbere. Murivyo bitabo, akenshi uzohasanga bafise uburorero bg’ imyuga myinshi ushobora gukora n’ ingene wobigenze kurangura uyo mwuga. Akatagurutse ntikamemya iyo bgeze. Niwaguma muhira,udasohoka canke ng’utembere, ntaco uzokwigera umenya. Kandi kugenduza ubundi burere mu gihe ubifitiye uburyo nivyiza cane, kuko ushobora kugenda ahantu ugasanga uraharonkeye akazi, canke ukahigira iki na kiriya. Ivyo nzogenda nd’ igisha bizogusaba kubisoma no kubironderer’ umwanya wo kubisoma. Iy’ uhejeje kubisoma nahawe rero guca ufata icemezo bivanye n’ ivyo uba wosomye.

Urashobora kunyandikira kuri inyigisho@shemezaclouds.com ukambaza ikibazo canke impanuro uba wifuza. Urashobora kandi kwandika komantere (comment) yawe ngaho musi ukagir’ uvuze. Iyo usoma rero ningombga kandi ukaba umuntu ari “Engaged” mubiganiro. Ukabaza ivy’ utatahukiwe, ukabaza n’ ibindi wifuza gutahura. Ukubaza guter’ ukumenya. Ntiwikengere ngo mbajije iki bontwenga, oya kuko umuntu akura atabaza, agapfa atamenya. Ama unité ufise mwisimu yawe yakoreshe neza mubikugirira akamaro. Ntube umuntu cane akunda kwinezereza kuko ivyo bitwara uburyo cane ugasanga ntanico uriko urimarira mubuzima. Ugire ibiharuro imbere yuko ukoresha ama unité. Niwakoresha ama unite yawe kumviriza umuziki gusa, uzoba wunguts’ iki? Sinkwankiye kwumviriza indirimbo, ariko nguhanuye ngo ubihe umwanya. Buri kintu gifise umwanya waco. Ikintu cose kitakwinziriza mu buzima, warukwiye kugiha umwanya muto cane. Ivy’ ubona biguha umushahara, naho uba muto, ico nico ukwiye kwijukira cane kuko imisi isa ntingane; bishobora kugukuza cane mu mibereho ugasanga mumyak’ irimbere urisununuye umushahara ukaduga.

Ntube ikinebge co gusoma no gukora. Ntawurya ibimusanze muhira, kanatsinda ng’ uwanka gukora akarondera imfashanyo aba umuja w’ uwumufasha. Kutagira umwete wo gusoma no gukora nivyo bica bikwega urwaruka rw’ inyinshi n’ abantu benshi kundegendera mubidafise akamaro; akarorero: gukoresha ibiyayura mutwe, kuja mububare, ubushurashuzi, n’ ibindi usanga vyonona imibereho yabo kuko ataco bafise bakora. Nimba uriko usoma ino nkuru, uriko uyisomera kw’ iterefone canke kuri Cyber (Library). Nimba ufise terefone ijamwo Internet, ubgo n’ ubutunzi bgambere. Ushobora gukoresha telefone yawe munzira nziza ukunguka ubumenyi n’ uburyo kandi ugater’ imbere!

By Apôtre Seth Kaburungu

Inyigisho 03 Ikurikira niyi: “N’ IMYUGA IYIHE USHOBORA GUKORA IKAKWINZIRIZA?” bandanya unkurikirana hano kuri no page ya website ya ShemezaClouds kandi usangire n’ abandi zino nyigisho.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *