INARUNYONGA birambaza cane gose kubona indirimbo yanje SUGAR DADDY

By  |  0 Comments

Umuririmvyikazi INARUNYONGA arababazwa cane gose n’abamenyeshamakuru bakora kumaradiyo ( RADIO ) n’imboneshakaure ( TV ) yo ngaha mu Burundi kubona atako yagize mukubaha indirimbo yiwe yiswe SUGAR DADDY  aratangazwa nigituma batayivuza aranavuga ko bimubabaza kukobona indirimbo nkiyo yuzuyemwo amajambo y’inkoramutima yakamaro muri kinogihe turimwo mugihugu c’uburundi bwacu ikiza ruhonyanganda SIDA gikomeje kuzura mubantu benshi .  Arabandanya avuga ko ino ndirimbo SUGAR DADDY niyo ndirimbo yari kuvuzwa cane gose abantu bakayumva bagakuramwo impanuro kuki none bamenyeshamakuru itavuzwa kuki mutayshira kumaradiyo mbega hoba hariho ikibazo? kubera iyindirimbo yigisha hanyuma nimuyiciye kuma TV canke muyivuze kumadiyo. Inarunyonga arabandanya avuga kandiko iyindirimbo SUGAR DADDY imubabaza cane gose  kubona yarayitanze hose hanyuma nibayivuze  kandi ari indirimbo murikigihe tugezemwo i SIDA igumairwira kandi yuzuyemwo impanuro nini cane gose.Moldiv_1417150059082

Indirimbo SUGAR DADDY ya INARUNYONGA atera akamo abamenyeshamakuru bakora kumaradiyo n’imboneshakuru ziri mugihugu c’uburundi bikubite agashi bayivuze kuko impanuro zirimwo zirashobora guhembura benshi.

https://www.youtube.com/watch?v=9TaSwWQp738

Bikaba bimubabaza cane gose umuririmvyikazi INARUNGONGA kubona abamenyeshamakuru b’igihugu c’uburundi bwacu  batavuga na rimwe indirimbo yiwe SUGAR DDAY eko nsagasesheshwarumiri wumvirije iyo ndirimbo nimwe mundirimbo za mbere hano mu muziki w’uburundi ifise impanuro nyinshi cane gose  mugihe umuntu ayumvirije ubutumwa bwayo buyigize hamwe yama yiruka mubusambanyi ashobora kuhakura ikiza ca SIDA. Ikintu kinini cane gose kimubabaza umuririmvyikazi INARUNYONGA nukona yaratanze indirimbo yiwe ahantu hose hamaradiyo y’uburundi n’imboneshakuru niygere bayivuza aratanga akarorerore kundirimbo z’abaririmvyi bo mugihugu bibanya u Rwanda , TANZANIA nk’umuririmvyi yitwa Ferooz  yaririmvye indirimbo yitwa  Starehe aho yashoboye kuronka ubushimwe bushimishije mugihe abantu yashoboye kubahanura mukumviriza amajambo ayigize.

Twashoboye kurondera umuririmvyikazi Inarunyonga arasigura avuga ko abamenyeshamakuru bamaradiyo y’uburundi igituma batavuza indirimbo yiwe SUGAR DADDY biramutangaza gose kuko ngo navyumva namba mugihe yashoboye kuyibaha bose akibaza mbega n’igiki gituma indirimbo yanje batayivuga yofasha abantu benshi mukubahanura kubera kinogihe ikiza ca SIDA kiriganje murwaruka.

Umuririmvyikazi INARUNYONGA aranavuga ati ntaho indirimbo yanje SUGAR DADDY ari yakera irafise impanuro nyinshi z’inkoramutima zofasha urwaruka n’abatari urwaruka mu Burundi mugihe abona ko SIDA itannguye kwiganza handi ntaho yavuze ngo bimababaza cane gose indirimbo nkiyo abamenyeshamakauru bamaradiyo n’imboeshakure batayivuza kmugihe yayibahaye biranamutangaza cane. Yabandanije avuga ko mu Burundi bacana intege cane gose mu muziki aratanga akarorero mugihe agitangura umuziki yari mubakobwa bafise umwete cane kuko ngo mu myaka ya 2009 na 2010 vyari bigoye kuronka amafaranga yogukora CLIP VIDEO na AUDIO yariyanja akarondera amafaranga yogukora AUDIO kuko batanga ibihumbi mirongo ine vy’amarundi muriyo myaka amahera yarafise agaciro gusumba ino myaka 2013 na 2014  ico yashimikiye kinamubabaza cane gose n’uko abamenyeshamakuru batigize bayivuza indirimbo SUGAR DADDY mugihe yayibahaye aravuga ko kugira akore Clip Video yiyondirimbo vyamutwaye amaranga menshi cane gose mu mwaka 2009 Clip bayikoreye amafaranga ibihumbi amajana abiri y’amarundi muri cogihe amahera y’uburundi yarafise agaciro kanini gusumba iyi myaka.

Twrangiza tubabwira ko umuririmvyikazi INARUNYONGA asaba abamenyeshamakuru bamaradiyo hamwe n’imboneshakuru zikorera mugihugu c’uburundi bamuvugirize indirimbo yiwe SUGAR DADDY kuko iy’indirimbo nimwe mundirimbo zoshobora kwitaho mukuvuzwa nokwerekanywa imbere y’abantu bagakuramwo impanuro zibafasha kubonda neza ubuzima batitayeho cane gukwirikira ivy’isi aho uca usanga barahanduriye ikiza ruhonyanganda SIDA twibaze ko abamenyeshamkuru bamaradiyo n’imboneshakure bumvise ubutumwa bwa INARUNYONGA bavunditse mugisnge aho kubushira ahabona bakabwumva abanyagihugu.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *