Burundi: Inzara iriko igwira mu gihugu, abantu bariko bahungira mu nkambi za Tanzania {Burundi News)

By  |  0 Comments

eaburundidisplaced

Amakuru dukesha mu banyagihugu bari mu gihugu c’ uburundi, havugwa ihunga ry’ abarundi batari bake bahunga igihugu kuko inzara itera iba nyinshi.

Umwe mubanyagihugu avuga ko ubu ibiro vyaduze cane nk’ irobe ryahora rigurwa 4000Fbu ubu risigaye rigurwa 7500Fbu. Indimiro nazo ngo ubu ivu ntirimera bimbura gake. Kandi kubginshi bg’ abanyagihugu, ibibanza (amatongo) biriko biba bito cane kuburyo umurimyi ashobora kuronka nk’ iheka imwe gusa yokurima. Abafise amaheka menshi n’ abasanzwe bari bazifise canke bafise amahera yo kuzigura. N’ abari bafise amaheka, bariko bazidandaza kuko Inzara yabaye nyinshi cane.

Abanyagihugu bavuga ko mugihe reta itagize ico ibivuzeko abantu bashobora kwicwa ninzara nkuko bamwe bimaze kubashikira. Ati rero naho duhungira murayo makambi, hose nico kimwe kuko naho nyene ubuzima bgaho n’ ikibazo. Abanyagihugu bakavuga ko bahungira mu makambi kuko bizigira ko bashobora kuronka imfashanyo y’ ivyo kurya bitangwa n’ Ishirahamwe ONU (United Nations).

Abanyagihugu batera akamo reta y’ uburundi kugira ico ikoze kuri zo ngorane kugira zitorerwe umuti. Kuko abanyagihugu nta buzi bafise, n’ abikora kubikorwa vy’ uburimyi ntaco bahaye bakuramwo. Bagasaba kandi abari hanze bafise umutima wo kwitanga kugira ico bafashije uburundi kuko igihugu kigeze aho umwansi ashaka!

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *