Mbe Umuhari M15 woba ufise imigambi nyabaki kugihugu c’ Uburundi. Amakuru duhabga na Ikiyago WebTV

By  |  0 Comments

screen-shot-2016-12-03-at-11-39-02-am

Mu makuru duhabga n’ Ishirahamwo rimenyesha amakuru Ikiyago WebTV atuginiriza ibikorwa vy’ umuhari M15 kubijanye nibikorwa uwo muhari wifuza kurangura mu gihugu c’ Uburundi.

Kwizera Elvis umuvugizi w’ Umuhari M15 avuga ati Umuhari wavutse mu kwezi kwa myandagaro (August) mu mwaka ushize wa 2015 mu ntumbero yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’ umukuru w’ igihugu Petero Nkurunziza.

Uwo muvugizi w’ uwo muhari akomeza avuga ko uwo muhari ugizwe n’ urwaruka udashigirikira ico kiringo ca gatatu. Ubutumwa uwo muhari utanga kuri reta y’ uburundi, bavugako bagorarukira amasezerano ya Arusha, kandi ko umukuru w’ igihugu yogerageza kugira ngwashikirize ubutegetsi yihaye kunguvu.

bahamagarira urwaruka kugira bahagurukire icarimwe igihugu gisubire kumategeko akigenda no guharanira amasezerano ya Arusha n’ imirwi igomba guhungabanya umuteko mugushigikira ikiringo ca gatatu c’ umukuru w’ iguhugu




Uwo muhari ukomeza uvuga ko mugihe reta itogira ico ikoze kurivyo vyatumye baja mwibarabara, bavuga ko bazokomeza gukora no guhimiriza kugira ivyo basaba bishigwe mu ngiro.

Fyonda kuri link ikurikira kugira urabe wongere w’ umvirize inkuru yimvaho kukiganiro ca IKIYAGO WEBTV.  https://www.youtube.com/watch?v=R-xusKQyEtU

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *