Dear Phil niwe yatsindiye ikibanza ca Kabiri ca Shemeza Artist 2016

By  |  0 Comments

Dear phil

Umuririmvyi aririmba indirimbo za Gospel na Secular DEAR PHIL WAUKWELI niwe yatsindiye ikibanza ca kabiri ca Shemeza Artist 2016 k’ ururirimbo rwiwe yise “KURANGIZA NEZA”

Umurongozi mukuru wa kampuni ya Shemeza “Seth Kaburungu” avuga ko naho ataco Shemeza yasezeranye kuwuzotsindira ikibanza ca kabiri ariko Shemeza igiye kwihweza ico bazoha uno muririmvyi kubgo gutsindira ikibanza ca Kabiri. Seth Kaburungu akavuga kandi ko afise amahirwe yo gutsindira Shemeza Artist 2017 mu mwaka uza niyaba agifise umutima wo kwiyandikisha kandi kuko abakunzi ba Shemeza bamaze kubona ibikorwa vyiwe kandi n’ indirimbo ziwe zikaba zibubaka.

Shemeza ishimiye abo bose bitanze kugira kino gikorwa kije mungiro. Vyinshi tugiye kuzobishira mu makuru hano kuri Shemeza Clouds canke Shemeza Gospel, mugume mudukurikirana hafi

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *