Burundi: Abanyeshure bashika igihumbi n’ amajan’ indwi nibo bamaze guheba kwiga Mu Ntara ya Mwaro

By  |  0 Comments

Muruno mwaka w’ Ishure wa 2016-2017, Mu ntara ya Mwaro abanyeshure bashika ku gihumbi n’ amajan’ indwi n’ umwe nibo bamaze guheba ishure. Abanyeshure igihumbi n’ amajana atanu biga mumashure shingiro biga mu mwaka wambere gushika mu wicenda.



Umuyobozi w’ amashure mu ntara ya Mwaro avuga ko Ubukene hamwe n’ ugutwara inda arinyanduruko ya benshi guheba amashure. Muri Commune Kayokwe niho hamaze guheba abanyeshure benshi bashika ku majanatatu na mirongw’ icenda, igakurikirwa na Commune Nzamba ahaheze abanyeshure bashika amajana atatu namirongw’ umunani n’ umunani. Commune ifise abana bake bahevye ishure ni Commune Gisozi ahahevye abanyeshure muringw’ irindwi n’ umwe.

Ubukene nibgo butuma abanyeshure baheba ishure aho urwaruka rw’ abahungu ruca ruja mubisagara guca amafaranga; hamwe n’ ingwara ya Malaria aho umunyeshure ayigwaye ugasangara aratevye kwivuza no gukira bigatuma aheba ishure; abigeme batatu nabo nibo bamaze gutwara inda bakiri kuntebe y’ ishure mu ntara ya Mwaro kuva umwaka utangura. Abarongozi bo mu Ntara ya Mwaro bariko bagerageza guhimiriza abavyeyi n’ abanyeshure kugira uguheba amashure bigabanuke.



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *