Breaking News: Imvura Yasenyuye Amazu Arenga 100 mu Burundi

By  |  1 Comment

Imvura nyinshi irimwo urubura n’umuyaga yarononye ibitari bike mu mitumba itandukanye mu ntara ya Bubanza.

Imitumba itatu igize zone Mitakataka yo muri komine Bubanza niyo ifise ibintu vyononekaye cane bivuye ku mvura irimwo urubura n’umuyaga mwinshi yaguye mw’ijoro rishira umunsi wa kabiri mu ntara ya Bubanza.

Muri rusangi, amazu 124 y’uburaro bw’abantu yarasenyuwe, amahegitari 116 y’imirima arononekara. Amasengero indwi y’amadini atandukanye hamwe n’ibirasi bitandatu vy’ishure shingiro rya Gatura n’ibindi bitatu vy’ishure shingiro ryo kw’Iranda vyarahitanywe n’iyo nvura.

Abajejwe intwaro I Bubanza babwiye Ijwi ry’Amerika ko uretse inyubako zabomaguritse, hari abantu babili babomokeweko n’amazu bagahakwa kuhasiga ubuzima. Umwe muri abo bantu vyabaye ngombwa ko aja kuvurizwa mu bitaro vy’I Bujumbura.

Abanyagihugu baburiye ibintu muri iyo nvura, bavuga ko batabona uko bashobora gusanura amazu yabo kuko ata buryo bafise. Abo banyagihugu basaba kugarukirwako mu kuronswa uduhema kugira baronke aho bakika umusaya.

Komine ya Bubanza yaraye iguyemwo iyo mvura irimwo urubura n’umuyaga yari maze imisi ivugwamwo inzara nyinshi imaze guhitana abantu bagera kuri 12.

Abajejwe intwaro naho ataco bavuze bagiye gufasha abahuye n’ivyo vyago, basaba ababishoboye kugarukira ku miryango ivuga ko itabona aho iza gukika umusaya.

Umviriza amakuru hano!

Share Button

Share Button

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *