Malaria Yabaye ‘Ikiza’ Mu Burundi

By  |  0 Comments

Josiane Nijimbere, Umushikiranganji w’amagara y’abantu  n’ukurwanya Umugera wa SIDA yaratangaje ku musi wa mbere itariki 13/03/2017 ko indwara ya malaria yabaye ‘ikiza’ mu Burundi. Hafi imiliyoni zibiri z’abarundi baramaze kwandura iyo ngwara ya malaria kuva mu kwezi kwa mbere 2017 kandi ko abantu  hafi 700 bamaze guhitanwa n’ico ‘kiza’ muri co kiringo nyene kuva muri  Nzero 2017, nkuko Umushikiranganji abandanya abimenyesha.



Uyo Mushikiranganji kandi yavuze ko habonetse ingwara ya malaria incuro zirenga imiliyoni 8 mu mwaka wa 2016 mu gihe abantu barenga ibihumbi bitatu bahitanywe niyo ngwara muri uyo mwaka.

Intara zibangamiwe cane akaba ari izo mu Buraruko no mu Buseruko, nka Kirundo, muyinga, Karusi, Cankuzo,  hamwe n’intara za Ngozi, kayanza, Rutana na Ruyigi ku rugero ruto ugereranije nizindi ntara. “Abakenyezi bibungenze hamwe n’abana bari munsi y’imyaka itanu nibo babangamiwe cane”, niko Umushikiranganji avuga.

 

Josiane Nijimbere, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA

Umushikitranganji abandanya avuga ko ibitera  irwirirana ryiyo ngwara ya malaria iyibonekeje gusa mu kiyaya c’imbo ari ihindagurika ry’ikirere, ugukoresha nabi  imisegetera irimwo umuti wica imibu hamwe nigwirirana cane ry’imirima y’imiceri ituma hagwirirana imibu.

Josiane Nijimbere abandanya avuga ko ubushikiranganji arongoye hamwe n’abo bakorana ko bafashe umugambi wo kugwanya iki kiza. Avuga ko ‘Uburundi bukeneye imiliyoni 31 y’amadolari yabanyamerika kugira barandurane n’imizi iki kiza ca Malaria’.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha ko abantu bomenyera kuryama mu misegetera irimwo umuti wica imibu hamwe no kwihutira kwa muganga igihe cose babonye ibimenyetso vya Malaria. Leta ikaba ifise umugambi wo kwagura ibikorwa mu bijanye n’ubuvuzi kugira harwanywe iyo Malaria, kandi bikaba vyitezwe ko bashobora gupoma umuti wica imibu mu turere tubangamiwe nico kiza ca Malaria

 

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *