Burundi: Ibiziga vy’ abantu babiri vyatowe muri Komine Kirundo

By  |  0 Comments

Ku rugabano rw’umutumba wa Mutara n’uwa Mwenya, niho ibiziga bibiri vy’abagabo vyatowe.

Abanyagihugu bo ku mutumba wa Mutara n’abo ku mitumba yegereye ako karere nka Kireka, Mwenya na Karama barashitse kuraba ko hari uwo bomenya muri bo.Ivyo biziga vyabonetse ku muhingamo w’uyu wa gatanu. Abajejwe intwaro n’umutekano bamaze kuhashika, vyaciye bihambwa ku kagoroba buri muguhwibira.



Bagiheza kubahamba, umukuru w’umutumba Mutara yatumenyesheje ko ivyo biziga vyari bimaze kumera nabi. Uwurongoye igipolisi mu ntara ya Kirundo avuga ko amatohoza yatanguye kandi ko abandanya. Komiseri Jacques Nijimbere arongoye igipolisi mu ntara ya Kirundo, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bariko bakora ibishoboka kugira bamenye imwirondoro w’ivyo biziga.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Jean Bosco Ndarurinze akorera mu Kirundo ni we yakurikiranye iyi nkuru.

Umviri hano uko vyagenze

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *