Amabanga 10 atuma umuririmvyi w’umurundi adatera imbere ntaho yokora indirimbo zingana gute zigakundwa iwabo mugihugu gusa atahandi?

By  |  1 Comment

Urutonde kw’amabanga 10 atuma umuririmvyi w’umurundi canecane adatera imbere mukazi ku muziki akora akamenyekana ibulaya hariho imvo nyinshi zituma umuririmvyi w’umurundi adatera imbere izo mvo zose zirabwa , zirakwirikiranwa n’abahinga bafise impano zidasanzwe mu muziki w’uburundi mugihe bagiye barumviriza indirimbo zabo ziririmbwa n’abaririmvyi babarundi. Ayo amabanga atuma umuririmvyi w’umurundi adatera imbere akaguma amenyekana gusa iwabo mugihugu ntaho yo kora gute mu muziki w’uburundi atofa anashitse mumahiganwa akomeye cane gose ya AWARDS muga akaguma amenyekana cane iwabo mugihugu hamwe n’uburere aherereyemwo.

AMABANGA 10 UMURIRIMVYI W’UMURUNDI AKWIYE KWIRINDA GUKORA MU MUZIKI WIWE AKORA BIGATUMA ATERA IMBERE AGAHAMAGAZWA MUMAHIGANWA YA AWARDS ZIHIGANIRWA ABARIRIMVYI BAFISE INDIRIMBO NZIZA KANDI ZITARIMWO UTUNENGE TWOTSITAZA UMUNTU MUGIHE AYUMVIRIJE.

1. Kuririmba indirimbo zirimwo ibitutsi

2. Kuririmba indirimbo zidahanura

3.Kuririmba indirimbo abitumwe n’ishavu kugira ngo yihore abo batumvikanye muvy’akazi ku muziki

4. Kuririmba indirimbo zitazana urukundo mubantu

5. Kuririmba ibitutsi gusa vyonyene mundirimbi ziwe

6. Kuririmba indirimbo itagira ubutumwa nagato ayiririmba yiryohera atashaka ashiramwo

7. Kuririmba inidirimbo ayikoereye mugenzi w’umuririmvyi amutuka kugira agumane agashavu

8. Kuririmba indirimbo zitagira utumwa nagato bwogufasha uwuzumvirije

9.Kuririmba indirimbo yishira hejuru akibona ko asumba abandi bairimvyi bagenzi we

10. Kuririmba indirimbo itubaka nagato mugihugu c’amwibarutse ahubwo akaririmbo indirimbo atuka abamufashije

Ayo niyo amabanga 10 umuririmvyi w’umurundi akwiye kwirinda gukora kugira umuziki wiwe uzamuke uje bulaya mugihiganwa muma AWARDS.

Tworangiza tubabwira ko uburundi bwacu bufise abaririmvyi benshi cane gose kandi bazi kuririmba bagakundwa n’abakunzi benshi b’umuziki w’uburundi ariko batazi kuririmba indirimbo yotuma imuteza imbere akajabuka igihugu aja mukindi gihugu gukora ibiteramo canke amahiganwa. Hamwe ibihangange mu muziki w’uburundi boza barisubirako kuririmba indirimbo zitobafasha gutera imbere bokwitaho kuririmba indirimbo iyo bamfasha bagatera imbere apana gutera imbere mugihugu cawe gusa ngo jewe nd’umuririmvyi akomeye cane gose mfise aba fans benshi ivyo twovuga ko bidakwiye ahubwa n’ukuririmba indirimbo zubaka z’urukundo hagati y’umuririmvyi n’uwundi bakerekana urukundo kandi bakanasonera abantu batuma babajabukana mumahanga bagatera imbere mukazi ku muziki wabo.

12

Umuririmvyi w’umurundi akora umuziki w’uburundi bwacu ntiyinda ayo mabanga 10 ntakabuza azoja buka igihugu agende guhinganwa muma AWARDS akomeye cane gose akunze kuba mubihugu biteye imbere cane gose ategungwa n’abatunzi bakomeye muvy’umuziki kw’isi yose.

Share Button

Share Button

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *