SPOK’S , WAWA VG MAN , LE PYGME SMALL DOGG mbega bateguriye iki aba fans bakunda indirimbo zabo?- bimenya ngaha

By  |  0 Comments

Mbega n’igiki coba catumye abaririmbi batatu bakunzwe cane mugihugu c’uburundi bwacu n’ahandi mubindi b’ihugu mu muziki wabo bakora mugutanga ubutumwa bufasha abantu batari bake abo baririmvyi ni SPOK’S   tumenyereye mundimbo kinogihe yitwa  NZOB’IKI? y’ashoboye kwiyumvira gukorana indirimbo n’abagenzi WAWA VG MAN nawe tumenyereye  mundirimbo nyinshi nk’iyitwa MUSIRIKARE hamwe n’umuririmvy LE PYGME SMALL DOGG akomeje gutanga ubutumwa mundirimbo ikunzwe cane gose yitwa MANA NYIBUKA bano baririmvyi bose bagiye hamwe muguteranya ivyumviro vyabo bakoresha mugutanga ubutumwa mundirimbo zabo babishize hamwe bagomba gukorana indirimbo izomfasha benshi , twovuga ko izoba ifise ubutumwa buzofasha  abantu batari bake.

Mbega n’igiki coba caratumye biyungahamwe bakavugana bagakora hamwe igikorwa kidasanwe c’indirimbo kugeza uno mwanya turashobora kumenya canke nawe mukunzi w’uburundi utarashobora kumenya bikaba ari ikibazo kikiriko kiribazwa na benshi kandi kikabaha kwizera ko indirimbo bagiye kuzokora hamwe izobafasha benshi bayumvirije bakayitahura ubutumwa buzoba burimwo.

10805809_573602062773472_4743325905822140913_n

 

Amakuru twashoboye kuronka twobizeza aba fans babano baririmvyi batatu SPOK’S , WAWA VG MAN , SPOK’S bagiye hamwe gutangura gukorana indirimbo nshasha0 n’uko twobizeza ko iyo ndirimbo ihari batanguye kuyikorana hamwe baranavuga ko bazoyikorera muri STUDIO Kim Frans Record irongowe na nyakubahwa  Kimangu Frans yitanga uko ashoboye kugira umuziki w’abaririmvyi ugeme utera imbere niwe nyene y’abemereye ko  bokora indirimbo bari hamwe ari batatu SPOK’S , WAWA VG MAN , LE PYGME mukubaha uburyo buzotuma indirimbo yabo izohokana ubuhinga budasanzwe bayikoreye muri STUDIO yiwe inakomeye cane gose mugisagara ca Bujumbura imaze gukora ibikorwa bitari bike vy’abaririmvyi kandi iyo bakoze indirimbo bategerezwa gutera imbere.

20141115_135649-800x450

LE PYGME SMALL DOGG , SPOK’S , WAWA VG MAN

Tworangiza tubabwira abantu mwese mwashoboye gufata akananya kanyu mugasoma ano makuru y’ingirakamaro ko tugiye kurondera SPOK’S , WAWA VG MAN , LE PYGME SMALL tubabaza igihe bazoshobora kubumvisha abanyanyi b’umuziki w’uburundi bakunda indirimbo zabo bagashobora kuzoyumva bakanumva ivyiyumviro vyabo bashize hamwe bizoherekezwa n’ubutumwa buzobafasha abatari bake, ntivuba tuzosubira kubashikiriza uko vyarangiye mugukora iyo ndirimbo itarashobora kumenyekana izina ariho ntaho tuzoca tubamenyesha izina ryabo twaronse abo baririmvyi tubaza iko bashoboye kwiyunga hamwe bagokorana ico gikorwa twizera kizofasha benshi mu kumviriza ubutumwa.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *