Ubutigu burageze -Ndefuvision Organization ishaka abayifata mumugongo mukwitanga kugirango baze bafashe abana b’impfuvyi

By  |  0 Comments

Inyuma yaho umwigeme MELLY ANGELO arongeye DEFUVISION akoze igikorwa kidasanzwe cogufasha abana b’impfuvyi mugihugu camwibarutse arico uburundi bwacu aho yatanze imafasha z’amakeye , amakaramu , imfungurwa hamwe n’ibinyobwa abitanze mukigo gikuru kireze abana b’impfuvyi mu Rumonge.Uy’umwigeme MELLY ANGELO ati ubutigu buragenze kubantu bose bafise agatima ko kwitanga mugumfasha abana batashoboye aribo impfuvyi z’uburundi bwacu.
IMG-20141125-WA0038

MELLY ANGELO arabatera akomo avuga ngo.Nashaka rero abantu bose bifatanye na Ndefuvision Organization mugutanga imfashanyo zogufasha abana b’impfuvyi kuko nibwo burundi bw’ejo kubantu bakeneye gumfasha baba hanze y’Uburundi borondera uwitwa Diane a.k.a Melly Angelo hamwe n’umuririmvyikazi wa Gospel yitwa Aline Vyuka canke batume ubutumwa ( MESSAGE ) kuri Ndefuvison pager ku Bantu baba mu Burundi mushaka gutanga imfashanyo mworondera umuririmvyi Uncle Crazy canke umuririmvyi Elly’s Boy.

Uncl

Umuririmvyi UNCLE CRAZY niwe muzoshobora gushikira mugutanga interano yofasha abana b’impfuvyi. Bari i MUYINGA rero abari i BURUNDI mwoshikira UNCLE CRAZY

10629820_1504039233169567_3217184151303881054_n

Umuririmvyi ELLY’S BOY nawe nyene murashobora kumushikira mugutanga interano zanyu zigazoheza mugufasha abana b’impfuvyi bazoba bari mukigo ca MUYINGA

Twashaka tubabwire abantu mwese mwoba mufise agatima kurukundo kandi kogumfasha ko mwogerageza gutanga interaro nyinshi nkuko umwigeme MELLY ANGELO aharanira kwitaho abana batishoboye aribo impfuvyi z’uburundi bwacu bazoshobora gukora ibitari bike mugihugu mugihe twashoboye kuja hamwe turabafasha muburyo butandukanye haba muvy’amarwa mukubatwara kw’isomero mugihe twaberetse umutima w’urukundo ivyo bikazotuma igihugu cacu c’uburundi kizogira kazoza keza mubana twitwararitse.

IMG-20141125-WA0036

Ishiramwe NDEFUVISION ikiorera mugihgu ca LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMARICA ry’umwigeme w’umurundikazi MELLY ANGELO rikaba ryatanguye kino gikorwa cogufasha abana b’abana b’impfuvyi mu mwaka 2013 hari imumera z’umwaka ku munsi mkuru wa NOEL rikaba rikora kino gikorwa kidasanzwe buri mwaka uko ugiye kuguhera rikaba rifise intumbero yokuzoguma yitaho abana b’impfumvyi z’uburundi kandi mugashobora kuza murarifata mumugongo mugihe ufise ico woshobora guterera kigafasha abobana b’impfumvyi z’igihugu c’uburundi bwacu muri kazoza aribo bazoba bitanga mugufasha abandi bana bazob ari impfuvyi kuko bazoba barabonye ivyiza bakorewe batarashobora kuroka ikibafasha bakaryamika umusaya.

IMG-20141125-WA0012

Abo bana mubona nabaherukwa gumfasha n’ishiramwe DEPFUVISION ry’umwigeme MELLY ANGELO

Akandi kamo mwashoboye  guterwa n’umurongozi wa NDEFUVISION umwigeme MELLY ANGELE  ati:” Ndefuvision Organization ishaka abayifata mumugongo mukwitanga kugirango baze bafashe abana b’impfuvyi mukubarosa impuzu bambara. Muri yiminsi  buca ari Noel ishaka intererano ivuye hirya no hino kugirango mubafate mumugongo kuko abana ni beshi ni 250 bakaba baba mu Ntara ya  Muyinga kukigo citwa SOS gitunze abana b’impfuvyi bangana 250.

IMG-20141125-WA0037

Contact Ndefu inc office number ( 605) 215-6490 Cell: (605) 592-6540 ndefuvision@gmail.com www.ndefu.com (NAR) Donation: Account number: 3710512942

Tworangiza tubabwira abantu bose mwoba mushaka gufata mumugaongo ishiramwe NDEFUVISION murashobora kwandikira ubutumwa bugufi umukuru wayo DIANE ( MELY ANGELO ) uciye kuri PAGER ya NDEFUVISION =>>https://www.facebook.com/NdefuVision canke PAGER isazwe ikoreshwa nawe nyene yitwa MELLY ANGELO =>>https://www.facebook.com/melly.angelo.31  ugaheza ukagira ico ufashije kizofasha abana b’impfuvyi bo mu ntara ya MUYINGA ku munsi mukuru wa NOEL.

IMG-20141125-WA0011

ABANA B’IMPFUVYI BO MU RUMONGE BABASHIJWE UMWAKA UHEZE 2013

IMG-20141125-WA0010

Uyu mwana aheruka gumfashwa n’umwigeme DIANE a.k. MELLY ANGELO afadikanije n’uwundi mwigeme hamwe n’abandi bantu bashoboye gutanga intererano yo kumujana kumuvuza mugihugu c’u RWANDA aho yarangwaye CANCER ariko ubu bakaba baramuvuye baramubaga ico kivyimbe mubona

 

Tworangiza tubamenyesha ko igihangange mu muziki w’uburundi bwacu umuririmvyi SAT – B yamaze kwemera ko azotanga imfashanyo izofasha abana b’impfuvyi bari MUYINGA  bikaba vyatumenyesheje umurongozi wa NDEFUVISION Diane  abatazira MELLY ANGELO

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *