UMUMENYESHAMAKURU EDDY KAMOSO VUBA ARASHIRA AHABONA CLIP VIDEO Y’INDIRIMBO YISWE Ishure ry’Imana

By  |  1 Comment

Inyuma yaho EDDY KAMOSO umumenyeshamakuru w’iradiyo REMA F.M akanongera akaba n’umuririmvyi ahimbaza Imana mu kuyiririmba asohoreye Clip Video y’indirimbo yitwa moto mukanya gaheze ahejeje kumenyesha abantu bose bahezagiwe n’indirimbo akora ziciye muri Video avuga ngo tubandanye twatsa umuriro w’Imana vuba cane muzoca mubona iyindi video yitwa Ishuri ry’Imana. Iryo akaba ar’ijambo ryashikirijwe na EDDY KAMOSO uno munsi wa gatantu itariki 07/11/2014.

Muri CLIP VIDEO Ishure ry’Imana y’umumenyeshamakuru akanongera akaba umuririmvyi ahimbaza Imana EDDY KAMOSO araririmba avuga ko atarindi shure rikure rizoza ngo rirasumba YESU aravuga ngo : Ishuri ryawe riranangaza Yesu uwigishijwe nawe aramenya gose kandi akaba intwari ntawomwima akazi uwize iwawe yubahwa na bose kemengwa na bose.

 

10551097_808181579226632_956431961917839897_n

Kubantu mutari muziki ko EDDY KAMOSO ari umuririmvyi twobabwira ko aririmbira Imana kandi akanaba afise indirimbo nyinshi cane gose ziwe n’izindi yagiye arakorana n’abandi baririmvyi batandukanye tukabamenyesha y’uko CLIP VIDEO nshasha ya EDDY KAMOSO igiye kuzoba ahabona vuba nkuko mwashoboye kubona agace gatoya cane gose ka Clip Video ISHURI RY’IMANA kamara amasegonda mirongo itantu na gatatu gusa iyo akaba ari imonjo idasanzwe kuko mwumvirije ubutumwa burimwo buzofasha abantu benshi cane gose bazoshobora kuraba no kumviriza ijambo ry’Imana ririmwo mundirimbo ISHURE RY’IMANA.

Tworangiza tubamenyesha y’uko Clip Video ya EDDY KAMOSO mugiye kuzobona y’ashobowe gufatwa amashusho na KESHY VIDEO

Share Button

Share Button

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *