MASTERLAND PRO hamwe na SAMANTHA BATANGUYE IMYITEGURA YA CLIP VIDEO YITWA Fantastic

By  |  0 Comments

Umuririmvyi akanongera akaba umuhinyanyuzi MASTERLAND PRO yatanguye gukora Clip Video y’indirimbo yitwa Fantastic  yakoranye n’umuririmvyikazi  SAMANTHA bakaba batanguye imyiteguro myiza cane gose mugukora ikintu kizoshimisha abantu bakunda n’indirimbo za Clip Video mugihe bazobona isanamu nshasha Fantastic  iriko irahinyanyurwa mugufatwa mashusho n’abantu batatu bafise ubuhinga bwogukora ama Clip Video kuko murabo batatu harimwo babiri baheruka gufata amashusho y’isanamu WHAT’S MY NAME mwashoboye kubona ubuhinga bakoresheje ari nabwo buzohava bugifise n’ubu.

397570_571504376284905_667046939293617490_n

MASTERLAND PRO with SAMANTHA in the shooting

Twashoboye gufata akana turarondera umuhinyanyuzi akaba numuririmvyi MASTERLAND Pro asanzwe akora muri Studio INDONYI RECORD rurangiranwa hano mu Burundi yagize ico ashikirije kijanye n’abahinyanyuzi bariko barahinyanyura CLIP VIDEO Fantastic By MasterLand Pro Ft SAMANTHA umuririmvyikazi mukunda cane indirimbo ziwe iyo zigiye ahabona muryoherwa kandi muzoshobora kuryoherwa kurusha mugihe muzobona Clip Video Fantastic.

MASTER LAND PRO ati: Clip Video iriko irakorwa naba pro 3 aribo Hugues bana , Johny B hamwe na BanCherif,

10806307_571509152951094_7394817564371948301_n

MASTERLAND PRO with Fantastic’s director and editer Hugues Bana , Johny B and Cherif.

Twarangije Ikiganiro cacu na MASTERLAND PRO azosubira kutwiganira aho ibikorwa bizoba bigeze mukora imyiteguro myiza izoza izananye ishusho nziza muri CLIP VIDEO Fantastic  tukazobanya tunabereka amashusho y’ukuntu izoba imeze imbere yo kuja ahabona mukayibona tworangiza tuvuga ati muraguma hafi muzoyibona vuba.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *