Uburyo ushobora kwitez’ imbere mu mibereho yawe mugihugu c’ uburundi

By  |  0 Comments

Kumazina ndi Apôtre Vyamungu Seth benshi bakaba banzi kw’ izina rya Kaburungu. Nd’ umukozi w’ Imana nkongera nkaba umugwiza tunga, nkora urudandazwa rw’ ibintu bitandukanye. Benshi mu bagenzi banje n’ abanywanyi basanzwe bankurikirana mu gihugu c’ uburundi, bamaz’ imisi bansaba gutanga inyigisho z’ uburyo bashobora kwitez’ imbere mu mibereho yabo ya misi yose.

Vyamfash’ igihe kugira nemere gukora kino gikorwa kuko kuva mvuka ntarigera mbona igihugu c’ uburundi ariko nifuza kuhashika vuba. Ariko ndakurikirana cane ivy’ igihugu ku makuru no kubagenzi, kandi ndanafiseyo urudazwa nkorayo hamwe n’ amashengero nsazwe ndogôye mu gihugu! Maze kugira ibitekerezo vyinshi, nsanga naho ntarashika mu gihugu, kuko mfise imigenderanire myinshi n’ abatuye mu gihugu, nkaba kandi nkurikirana cane ku makuru ivy’ igihugu, kandi nkaba mfiseyo n’ ibikorwa vy’ urudandazwa nsanzwe nkorayo, mbona bitoba intambamyi cane yo gutanga inyigisho kugira benewacu n’ abashikacu bari mu gihugu bashobore kugira ico bize ku mpano Uhoraho yampaye. Mbishobojwe n’ Imana, nzoza ndatanga kandi inyigisho uburyo abari hanze bashobora gukora urudandazwa mu gihugu c’ uburundi nkuko nanje mbikora nkaberekeza inzira nziza yo gukora urudanzwa kandi bikabagirira akamaro.

Iki nico kibazo cama kiri muri benshi: “Igihugu cacu kirakenye, bishoboka gute guter’ imbere?” abibaz’ ivyo ntibaba bakosheje kuko n’ ivy’ ukuri igihugu cacu kirakenye iyo ugereranije n’ ibindi bihugu bisanzwe bitey’ imbere. Nakuze numva bac’ umugani bati inkezi ikera ubgo bireha. Iyo twigereranya n’ ibindi bihugu tuba twikengeye cane bigatuma ducik’ intege mu vyo dukora. Kumenya aho abandi bageze mw’ iterambere ni vyiza ariko ntivyoca bituma twigaya cane ko dukenye kuko no murivyo bihugu bitey’ imbere usanga harimwo abakene bakenye cane. Ngomba ndabibutse bimwe mu vyanditswe vya Bibiliya, Ishimayeli umuhungu wa Abarahamu yavyaye ku ncoreke Hagari, ivyanditswe bivuga ko we na nyina batanguje igihugu mu bugaragwa, kiba igisagara gikomeye cane. Ngomvye kuvuga ko mu bukeneye ushobora kuhakorera ibikorwa ugater’ imbere.

Har’ ubuzi bginshi n’ ibikorwa vyinshi wokora mu gihugu c’ uburundi kugira witez’ imbere. Kimwe nobanza kukubgira, ntukengere akazi kandi nturabe umushahara mu nini na muto, kuko uwugomba kwitez’ imbere yemera gukora igishoboka cose naho coba gito kugira kimushikane imbere. Izo zibika zar’ aramagi. Ntushobora kuvuka uno musi ngo wuzur’ ingoma. Turya duke wunguka ku vyashara bito bito canke mukazi kaba kaguhemba duke, niwadukoresha neza ukatubungabunga, dushobora kugutwara kuyindi ntambge y’ urugendo, ukagenda uduga bukebuke.

Witeho kandi kwiyunga n’ amashirahamwe asanzwe ahari mu gihugu yo kwitez’ imbere. Murayo mashirahamwe, urashobora kuhigira ubuhinga butandukanye bgo gukora urudandazwa n’ ibindi vyinshi bitandukanye vy’ abikorer’ utwabo. Murayo mashirahamwe uraharonkera amahirwe yo gusaba no guhabga ingurane yogufasha gutangura ibikorwa wifuza gukora. Biragoye cane k’ umunyagihugu adafise akazi kaboneka ko ahabga ingurane muri Banki, arico gituma rero vyoba vyiza cane kwiyunga n’ amashirahamwe asanzwe ahari mu gihugu kugira ushobore kuronka ayo mahirwe.

Ube umuntu yiyubaha kandi yiyemera kw’ ashoboye. Wige kandi kuba umwigizigwa kuri benshi kugira ushobore gushika kuntambuko ishimishije. Ugire umwete wo kugira abagenzi benshi basanzwe bakora ibikorwa wifuza gukora, kuko bashobora kukwigisha ibitari bike mur’ uwo mwuga ushaka gukora. Bigusaba kandi kugira umwete w’ ubushakashatsi, ubaza iki na kiriya kuvyerekey’ umwuga wawe n’ ingene woshobora kuwutez’ imbere n’ ingene wozana abateja benshi ku mwuga wawe.

Har’ inyigisho nyinshi ngiye kuzoza ndatanga kubijanye n’ ingene ushobora kuzigama amafaranga, n’ ingene ushobora gukoresha amafaranga abayebaye ukayungukamwo amahera menshi, n’ ingene ushobora kurondera akazi, n’ ibindi vyinshi. Kino kibaye icandiko cambere kibaha umuco mwiza w’ ivyo ngiye kuzoza ndabashikiriza muri zino nyigisho z’ ubutunzi n’ iterambere! ufise ikibazo canke aho ugomba impanuro, nyandikira kuri inyigisho@shemezaclouds.com nzobishurira hano kugira n’ abandi boba bafise ibibazo nk’ ivyawe bavyigireho baronkereh’ inyishu.

Email yanje kandi ushobora kundonka kuri: inyigisho@shemezaclouds.com

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *