Tuributsa abantu Bose ko Gusoz’ikiriyo ca Dr Jack ar’ejo igenekerezo rya 15/11/2015 isaha cumi kuri 5/5 mu Bwiza

By  |  1 Comment

Itangazo ryihuta ubunyene twashaka tubamenyeshe ko ejo ku munsi  wa gatandatu itariki 15/11/2014 ntiho hazoramuka hasozerwa ikiliyo ca nyakwigendera DR. JACK PRO twakunda cane mubikorwa yakora mu muziki w’uburundi , urwanda na Congo.Turabamenyesha ko ariho isozerwa ryanyuma rya DR. JACK turagusaba uzoze nkuko washoboye kwikubita agashi n’akigoro ukaza kumushingura kw’isozerwa ry’ikiliyo. Uzobikore nkuko wabikoze kuva kunango ntuzonaningwe nogusozera irya nyuma ikiliyo mugihe waje ku maziko yiwe.

 

10804461_10203011736682420_2087012390_o

Umugore wanyakwigendera DR. JACK PRO hamwe n’umwana wabo w’umuhungu w’imfura ngaho hari umunsi wa kabiri uheze mur’iyindwi turimwo yari amaziko

Amakuru dukuye ku muririmvyi KOOK – K akaba n’umuhinyanyuzi bakoze hamwe na DR. JACK igihe kitari gito ashoboye gutera akamo yibutsa abantu bose ko bosubira kandi bakigora bakaza gusozera ikiliyo ca nyuma c’umuhisi DR. JACK ariko ntaho ari ikiliyo ca nyuma nabwo tuzomwibagira namba namba kumateka yasize akoze mugihugu c’uburundi bwacu n’ibihugu bibanyi RWANDA & CONGO .

 

10258002_10201948654346026_9087745006196623054_o

KOOK – K aravuga ngo:”Tuributsa abantu Bose ko Gusoz’ikiriyo ca Dr Jack ar’ejo igenekerezo rya 15/11/2015 isaha cumi kuri 5/5 mu Bwiza.aba producer,abaririmvyi n’abandi nkuko mwitanze umunsi w’amaziko musubire mwitange turangize neza. Muhezagirwe

 

Share Button

Share Button

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *