Mbega SAT – B ko yatumiwe na KIDUM KIBIDO muri Birthday Concert i Kigali ubwose ninde azoryohera aba fans woshaka menya vyinshi ngaha?

By  |  0 Comments

Mwari mubizi ko itariki 28/11/2014 mugihugu c’u Rwanda hazoba igiteramo citwa BIRTHDAY CONCERT kizobera muri SERENA HOTEL categuwe n’igihangange mu muziki wa East Africa KIDUM KIBIDO azoba akiriko abandanya ahimbaza imyaka 40 y’amavuko twobabwira ko bizoba bitoroshe uwo munsi kuko KIDUM KIBIDO yatumiye igihangange mugenzi mu muziki w’uburundi umuririmvyi SAT – B yubaha cane KIDUM nka se wiwe mu muziki ariko rero hariho ikibazo abanyanyi b’umuziki bagiye kuzokwiyumvira imbere yuko BIRTHDAY CONCERT izotangura mugihe uno mwaka igihangange SAT – B asigaye atavyorosha muguteramisha aba fans b’umuziki.

Iki giteramo citwa BIRTHDAY CONCERT c’ihimbaza Imyaka 40 ya KIDUM KIBIDO kuvy’ukuri kizoba kiryoshe cane gose kuko kizohuriramwo ibihangange gusa mu muziki wa AFrica uravye igihangange SAT – B asigaye afise umuriro mwinshi udasanzwe mukuryohera abakunzi b’umuziki mugihe yamaze kubaje imbere yabo akabaririmbira zandirimbo nka SATURA AMABAFLE , NYANDIKA , AFISE AMANYAMA ni’zindi nyinshi cane gose tukaba tubona y’uko SAT – B azohava aryohera cane gose abakunzi b’umuziki nyarwanda muri CONCERT BIRTHDAY KIDUM ,gusumba uko bamwumva canke bamubona kumboneshakure , basanzwe batuye i KIGALI ahazobera iyo Concert Birthday ya KIDUM KIBIDO mukubereka ko ubumenyi afise mu muziki buzoba butoroshe.

IMG_178611618636748

IKIRANGA IGITERAMO CITWA BIRTHDAY CONCERT C’IHIMBAZA IMYAKA 40 IRUMANYE Y’IGIHANGANGE MU MUZIKI WA EAST AFRICA KIDUM KIBIDO CANKE KIBUNGANIZO AYO NAMWE MUMAZINA ABA FANS BIWE BAMUZIKO KANDI BATIGERA BAYOBERWA.

Ico twobamenyesha n’uko BIRTHDAY CONCERT yatunganijwe n’igihangange KIDUM KIBIDO akazoshiramwo abaririmvyi bazomufasha guteramisha abakunzi b’umuziki bazoba bari ngaho kuri SERENA HOTEL itariki 28/11/2014 mugihugu kibanyi c’u Rwanda aba baririmvyi barakomeye gose mukumenyekana cane mu muziki wa East Africa hazoba hariho SOCIAL MULLA , SHALIE AND NINA , UMUTERA GABY. Abaririmvyi bazoba bahagarire cane ni SAT – B umuririmvyi wo mugihugu cacu c’uburundi niwe azoba ari umurundi yatumiye na KIDUM muri BIRTDAY CONCERT uwundi n’umuririmvyi MAN MARTIN babose bakazoteramisha bimwe vyakarorera ukazoba arumuriro baryohera aba fans babo.

Mbega wibaza ko SAT – B azobateramisha gushika ntaho bavuga ego turemeye? kuko turavye akarorero dukunze kenshi kubona iyo igihangange BIG FIZZO agiye mu Rwanda gukora ibiteramo avayo abanyarwanda bemeye cane gose ku kuntu bayateramishije.Kuko SAT – B azoba ari icuro yiwe ya mbere akoreye Concert muri SERENA HOTEL i KIGALI ariko icotuzi cane n’uko igihange mu muziki w’uburundi SAT – B atigera amaramaza aba fans b’umuziki wiwe baje kumuraba ivyo rero bigiye kuzokorerwa i KIGALI.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *