SAT – B ati:Nababajwe cane kudashika ku maziko ya Dr Jack ariko kimwe novuga IMANA yonyene niyo ibizi

By  |  0 Comments

Igihangange mu muziki w’uburundi umuririmvyi SAT – B ubu iyo atuye mugihugu kibanyi ca KENYA amazeyo ikiringo c’ukwezi kose yaraye ashize kandi akababaro kamubabaje cane mukudashika gushingurana iteka umuhinyayuzi DR. JACK PRO yakoze indirimbo SIMBA HAWANA MENO igakundwa n’aba fans benshi cane gose ba SAT – B n’abandi bakunda umuziki ukora, hari itariki 11/11/2014 amasaha y’igitondo bagenda guhamba DR. JACK PRO ,umuririmvyi SAT – B atari mugisagara ca Bujumbura arababazwa cane gose kubona atashoboye gushika kumazi ko kandi yaramusize yiziye ko azosubira imuhira asanga DR. JACK PRO ari muzima. SAT- B ariko vyose abikesha Imana ati ikintu umuntu akwiye kumenya n’uko ahari hose yoza yicisha bugufi kuko atazi isaha n’umunsi canke umunota n’amasegonda azomara kuri y’isi ngo bizomufasha cane gose kuko yahakuye icirwa gikomeye cane gose kur’upfu rwa DR. JACK PRO.

SAT – B akaba yashoboye kubigaragaza imbere y’aba fans biwe afise akababro kadasanzwe kubona atashoboye basi nogusezera umuhisi DR. JACK PRO ubwanyuma mugihe bakoranye ibitari bike mu muziki w’uburundi arinaho yatumye atangura kumenyakana abicishije mundirimbo SIMBA HAWANA MENO.

IMG-20141111-WA0008

Uwo muririmvyi SAT – B akomeye cane gose mu muziki w’uburundi yavuze ngo :” Nababajwe cane kudashika ku maziko ya dr jack ariko kimwe novuga
IMANA yonyene niyo ibizi ehe raba kimwe mu vyigwa dukwiriye kuba
twofata nka nkama umuntu nasize iwacu dore ko nzogaruka ntakimubona
tumenye ico turi maze duce bugufi aha ubona iyi si si rwacu nguyu ijoro ry’uno munsi uretse ko duheruka tumusiga kumpanda iy ari ntawuhazi vy’ukuri ariko mu mitima yacu ntazokwigera yibagirana niyo mpamvu umwe wese yofata akanya agasengera dr jack nkuko naje ejo ninataha kwa mungu muzobingirire……good bye brother jack.

Akaba yarangije asaba abakunzi b’umuziki w’uburundi ko bomusengera mugihe azofata urukundo rumuzana mu Burundi rumukiye mugihugu ca KENYA.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *