R.I.P Soso – K yagandaguwe itariki 26/11/2006 iyibukwa ryiwe nuno munsi itariki 26/11/2014 twese hamwe twibuke ibikorwa vyiwe

By  |  0 Comments

Icivugo c’uno munsi wa gatatu iraiki 26/11/2014  kivuga ngo YARI INTWARI MU MUZIKI W’UBURUNDI R.I.P Soso – K yagandaguwe itariki 26/11/2006 iyibukwa ryiwe nuno munsi itariki 26/11/2014 twese hamwe twibuke ibikorwa vyiwe. Mbega woba umwibukira kuyihe ndirimbo?

Uyu munsi n’umunsi udasazwe ku ncuti abagenzi abakunzi b’umuziki w’uburundi bakunda umuhisi Soso – K rurangiranwa mu muziki w’uburundi imbere yuko agandagurwa n’abagizi nabi  akicwa  guhera mu mwaka 2000 ageze kunabwe iteye igomwe nk’umuririmvyi rurangiranwa mu mudhiho wa HIP POP kuko wumvirije RAPER yiwe  mugihe ariko ariririmba  warumva ko arumuririmvyi afise kazoza keza mu muziki akora ariko siko vyagenze kubera haje abagizi banabi baramwica hari mu mwaka 2006 aho harihaheze iminsi mike cane gose ashize ahabona indirimbo yitwa Soso k never die amaze kugaragara cane gose mugukundwa n’abantu benshi icogihe yayikoranye n’umuririmvyi R. FLOW  n’umwigeme.

10734264_1532952700283272_4615971148229010753_n

Amakuru twashoboye kuronka n’uko ngo abaririmvyi bose bahano mu Burundi bashoboye kuja hamwe mukwibuka umuhisi SOSO – K mukwifatanya hamwe n’umurya w’uririmvyi SOSO -K  atakiri kurino si  ikindi twashoboye kumenya n’uko ngo abaririmvyi bashoboye gukora igiteramo bari kumwe n’umurwi w’umuhisi SOSO – K witwa QUESTION – G ubu twovuga ko kuvaho yitabiye Imana  abaririmvyi bari bawurimwo batanguye kwimvangura bamwe baririmba ukwabo ico tuzi neza umurwi wa SOSO – K wabaririmvyi twovuga ko usigayemwo umuririmvyi dukunze kubona yitwa JOSDY.

534774_491455247601492_758663686_n

JOSDY

Dusubiye inyuma kundirimbo yiwe yanyuma ya SOSO – K yasize akoze wumvirije amajambo yaririmvye bisa n’uko abo bagizi banabi boba baragize agashari bituma bamugandagura kuko kugeza n’ubu amatohoza yarakozwe bamenye uwishe umuririmvyi SOSO -K kuva 2006 nabwo baramutora. Ijambo ryanyuma rigeze indirimbo Soso k never die yarangije avuga ngo  nanumwe yoshobora kurwana nanje , nanumwe yoshobora kunyica SOSO – K nashobora gupfa. Ayomajambo yayavuze mururimi rw’icongereza nkuko washoboye kumviriza indirimbo ngaho hejuru.Tworangiza duhoza kandi umuryango  wabuze n’abaririmvyi bose b’umuziki w’uburundi bagendanye cane gose nanyakwigenera SOSO – K yari intwara mu muziki w’uburundi kugeza n’ubu wumvirije indirimbo ziwe uca uyikunda yari umuririmvyi afise ubuhinga budasanzwe mukuririmba cane cane ari kumwe n’umurwi wiwe yatanguje witwa LUKY BOYS & ? – G.

10488340_658285450918470_9066801648633614000_n

Umviriza indirimbo z’umuhisi SOSO -K ari kumwe n’urwi wiwe LUCKY BOYS  wumve ibikorwa yasize akoze mu muziki w’uburundi

http://www.youtube.com/watch?v=k845MGy5SCs

 

http://www.youtube.com/watch?v=7eYJjXDMW_I

http://www.youtube.com/watch?v=gqGyAGgEbNQ

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *