Uburundi bwacu burasubiriye guterwa iteka aho NATACHA umuririmvyikazi wacu yaje azanye itsinzi mu muziki w’uburundi

By  |  0 Comments

IMBERE Y’UKO USOMA AYA MAKURU ATEYE IGOMWE MU MUZIKI W’UBURUNDI BWACU BANZA URABE IYO CLIP VIDEO Y’INDIRIMBO U Burundi Bwacu  YATUMYE UMURIRIMVYI NATACHA YEGUKANA IGIHANGWA SICA  RYABEREYE MUGIHUGU CA BENIN.

Uyu munsi uburundi bwasubiriye guterwa iteka ridasanzwe mu muziki canecane kuruhande rw’abaririmvyikazi aho umuririmvyikazi benshi muzi kw’izina ry’uburiririmvyikazi yitwa TANACHA yahora mwihiganwa twovuga riba ritoroshe rero akaba yashoboye kugira amahirwe menshi yegukana ikibanza cateye iteka umuziki w’uburundi bwacu  mw’ihiganwa  ryaratunganijwe n’igihugu ca Benin rikaba ryari rimaze iminsi itari myinshi cane kuko ryatanguye itariki 20/11/2014 gushika itariki 23/11/2014 rikaba ryitwa SICA kinejereje gose umuririmvyikazi NATACHA n’ukubona yarashoboye kuririmba indirimbo iyahagiza igihugu c’uburundi bwacu arinayo yatumye imuha amahirwe menshi mugutahukana itsinzi mungwego rudasanzwe mw’ihiganywa SICA. Uno muririmvyikazi NATACHA afise ivyishimwo vyinshi kubona yarashoboye kuririmba indirimbo yitwa UBURUNDI BWACU yuzuyemwo ubutumwa budasanzwe hanini buvuga ivyiza biri mugihugu c’uburundi nivyo vyatumye kandi atahukana itsinzi idasanzwe iteye igomwe mu muziki w’uburundi uririmba aririmvyikazi.

Igihe bari mwibarabara bavuye kukibuga c’indege aho n’umugisagara ca Bujumbura NATACHA yariko yerekana agashimwe yahawe mw’ihiganwa SICA agakuye mugihugu ca BENIN y’atsindiye mugutera iteka uburundi mu muziki

Amafoto yaranze umuririmvyikazi NATACHA yatsindiye ihiganwa SICA igihe yashika kukibuga c’indege i Bujumbura eka abantu bari baje kubwinshi kumutegera banakeza imbere y’uko ajahamwe n’umuryango n’icuti n’abandi benshi bakwirikirana umuziki w’uburundi mukwigina itsinzi idasanzwe twatewe mu muziki w’uburundi bwacu akamwemwe kari kose kubari baje hamwe n’umuririmvyikazi NATACHA.

Aho rero ibintu vyari biryoshe cane gose uwo mwigeme mubona afashe umuririmvyikazi NATACHA yaduteye iteka mu muziki w’uburundi yitwa DIVINE yamamaye cane muma Video babarundi kandi baravukana

10345934_1567708963462824_7381768910465344286_n

Bose baravukana NATACHA na DIVINE

Kuriyo photo mubona umunezero wagumye wongerekana kuri bose mukwishima hamwe n’umuririmvyikazi NATACHA kw’itsinzi yatahukanye abo bose mubona bo twashoboye kubamenyeramwo harimwo Umumenyeshamakuru w’iradiyo ISANGANIRO Christian Nsavye , RAPHAEL umumenyeshamakuru w’imboneshakure SALAMA . Umuririmvyi MR. CHAMPAGNE , MAMA wana TACHA nawe nyene arimwo murabe nuwo mubona arihagati ya NATACHA abandi nabwo twashoboye kubamenya

???????????????????????????????

NATACHA IVYISHIMO NI VYOSE KURI WE HAMWE NO KUGIHUGU C’UBURUNDI MUGISATA C’UMUZIKI

NATACHA akamwemwe kari kose niwora umunezero wo barurenze nkuko umubona kw’ifoto inyuma yiwe naho nyene umunezero wari wose kubari baje kumutegera harimwo umuryango wiwe , uwo mushingantahe mubona kuruhande n’inyakubahwa arongeye abaririmvyi n’abaririmvyikazi mu Burundi MEMBER BRUNO

???????????????????????????????

1416923199_img_5220.jpg

NATACHA hamwe n’umugabo wiwe w’umuzungu bose bakaba bashoboye guhabwa ubwo bushimwe mubona babakuye mugihugu ca BENIN kuboba batazi aho bari ngaho nikuri HOTEL DU LACK TANGANYIKA irongowe n’uwo mugabo wiwe

Tubibutse ko ihiganwa  SICA ribera mugihugu ca BENIN  rigeze kabiri ritahukanywa n’umuririmvyikazi aho ubwa mbere ryize gutahukana umuririmvyikazi EMELANCE mukuririmba indirimbo YAMBAGOREYE yatumye imuha amahirwe nawe adasanzwe murumva ko uburundi bwacu mu muziki abaririmvyikazi bashoboye aho bari hose mugukora ibora inka mumahiganwa ategurwa n’ibihugu vyohanze.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *