” Mbega waruzi ko ALIDA BARANYIZIGIYE narakijijwe gospel niyondirimba gusa.” Ikiganiro yatanze kwa FRANCK PRO gikwirikirane

By  |  0 Comments

Inkuru nziza kuba fans b’umuririmvyikazi ALIDA hamwe n’abakunzi b’umuziki w’uburundi twobabwira ko ALIDA BARANYIZIGIYE yamaze gusezera kuririmba indirimbo akaroreroz’isi nk’iyitwa KANKARANA ikindi yamaze gukizwa aranakira agakiza twarashoboye kuganira nawe ikiganiro yaraturahiye ararengwa ko atagisubira kuririmba indirimbo z’isi atari indirimbo zihimbaza Imana ( GOSPEL) ikindi yashoboye kutwiganira umuririmvyikazi ALIDA twovuga mwakunze cane indirimbo ziwe zitari zoguhimbaza Imana aravuga ko indirimbo zose yaririmvye atarakira agakiza k’uhoraho Imana yacu ko atagisubira kuzikwirikirana asha ngo na ALBUM MAMALAND yarahevye indirimbo zarimwo ati ngiye kuririmbira Imana ndayihimbaza hariho ikibazo twamubajije ALIDA mukiganiro twakorane yatubwiye ko atandirimbo niwe izigera aririmba ijanye n’ivy’isi ngo ayimvange indirimbo zihimbaza Imana yaraturahiye ararengwa aranashimika avuga ngo ntibishoboka.

10441417_387111011441638_2022611996752467945_n

ALIDA BARANYIZIGIYE ARAKIJIJWE YARAKIRIYE UMWAMI YESU MUBUZIMA BAIWE AZOMUBERA UBUGINGO BUDASHIRA IBIHE VYOSE

Uko vyagenze kugira tumenye neza ko umuririmvyikazi ALIDA BARANYIZIGIYE yakijijwe akakira agakiza n’uko vyagenze aho umumenyeshamakuru atagira imbibe FRANK PRO akorera kumbuga nguruka nabumenyi yaramaze iminsi itari mike yumviriza indirimbo nshasha y’umuririmvyikazi ALIDA BARANYIZIGIRA aririmba ahimbaza Imana avuga ko Imana yonyene niyo imuzi hama ntiho twashoboye kumvuriza iyo ndirimbo ya ALIDA yiswe ONLY GOD KNOWS ikindi catumye FRANK PRO ashobora kumenya neza naneza inkuru nziza kumva ko ALIDA BARANYIZIGIYE yakiriye Imana mubuzima bwiwe mukuyitazira nokuyihimbaza nokuyamamaza hose abicishije mubutumwa azotanga mundirimbo vuba zigiye kuja ahabona n’uko twarashoboye kuguma tubona kubuga rwa Facebook yiwe ashiraho iibintu bijanye n’ijambo ry’Imana eka akandika n’ubutumwa bwinshi bujanyne niryo zina ry’Imana. Bimaze kuba uko ntiho FRANK PRO yashoboye kurondera umuririmvyikazi ALIDA BARANYIZIGIYE ubu yakijijwe akanavyemeza yaca amubaza ko bimeza ukuntu twabibona yandika akanashira amafoto yanditse ijambo ry’Imana.

Kwirikirana ikiganiro FRANK PRO yakoranye na ALIDA BARANYIZIGIRA mukubaza vyinshi bijanye n’uko yashoboye kwakira agakiza akanaheza akavyivugira wenyene.

FRANCK PRO : Bite ncuti? Ndabona bisa nkuko mugomba mutangure kuririmba Gospel?

ALIDA BARANYIZIGIYE :Narakijijwe gospel niyondirimba gusa.

FRANCK PRO :Amen,Ubu nagasubira kuririmba indirimbo zisazwe!

ALIDA BARANYIZIGIYE : Oya

FRANCK PRO :Ariko uzoririmba vyose

ALIDA BARANYIZIGIYE : Oya ntibishoboka

FRANCK PRO : Wahisemwo kuririmba Gospel rero

ALIDA BARANYIZIGIYE : Ego

FRANCK PRO : Biraryoheye kuko ntarumvise irya ndirimbo Only God knows urashoboye.

ALIDA BARANYIZIYE : Murakoze cane gose

FRANCK PRO : Urahamwe ikaze, Mbega none zirya ndirimbo zari muri Album uzoca uziheba kuzibandanya?

ALIDA BARANYIZIGIYE :Ego ivyakera nabisizinyuma

FRANCK PRO :Amen, Imana ishimwe ihabwe icubahiro.Kuki wahisemwo guhimbaza Imana uyiririmbira?

ALIDA BARANYIZIGIYE : Kuko nzi ivyoyankoreye nicogituma aka arikokanya kanje kukuyitumbera yonyene atakindi….kukubuzima atamana arubusa. Ngizo impanvu zugusenga kubaha nugushima kwanje...

10822183_412828132203259_1866503569_n

10808141_412828138869925_196850891_n

 

FRANCK PRO : Amen. Ata Mana ntaco umuntu yokora. None ncuti yanje indirimbo nkuko twatanguye kumva imwe hoba hariho izindi woba waratanguye gukora zihimbaza Imana?

 

ALIDA BARANYIZIGIRA :  Zirimunzira ntacihuta kirimwo ndiko nditegura gukora album nshasha ibindi nzobamenyesha muminsi irimbere

 

FRANCK PRO :Murakoze kandi ndavyimishimiye kuva azohimbaza Imana kandi izogukorera ibitangaza

 

ALIDA BARANYIZIGIRA : Amen

Ikiganiro carangiriye ngaho nkuko mushoboye kuvyuma neza muratahura rero twobabwira ko umuririmvyikazi ALIDA mwari mwaramenyereye mundirimbo zisazwe benshi bakunze kwita indirimbo z’isi nabwo agisubira kuziririmba namba kandi yanavuze ko atagisubira inyuma muvyakera ngo ariko arabikwirikirana aho turavuga nk’indirimbo ziwe z’isi nyisnhi   cane gose zari zisigaye ko azokorera promotion mukuzikorera ama Video ariko siko bikiri ubu yamaze gusezera ivya SATANI yarabimurekeye ubu yinjiye munzira atazimiza kandi itigera isubiza inyuma umuntu mugiye yayikwirikiye akanayitumbera iyo nzira nayo s’iyinsi n’izina y’uhoraho Imana yacu data wa twese wo mw’ijuru.

Amwe mumafoto amuranga muri yesu kristo umuririmvyikazi ALIDA BARANYIZIGIYE nkuko yamaze gukizwa akihebera Imana wese ubutagitandukana.

10517454_413938212092251_6670082564517239836_n

10647002_413855095433896_7775320581887214731_n

 

14012_412524148900324_3824605511875769798_n

10628045_412523952233677_7249295547555724780_n

Zimwe mundirimbo zihoze ari z’umuririmvyi ALIDA BARANYIZIYE yaririmvye atarashobora kwakira Yesu nkumukiza wiwe bwite mubuzima bwiwe akandi ataaranakizwa zino ndirimbo mwarazikuze cane gose ndetse mukunda ubuhinga zikoranwe ariko twobabwira ko hagiye kuza izindi zisumba zino mwateguriwe na ALIDA nyene zoguhimbaza Imana no kuyitanzira ubuzima bwiwe bwose nkuko mukanya uca wumviriza indirimbo yiwe nshasha ONLY GOD KNOWS yatanguriye ko kuva akizwa akira Umwami YESU akamubera umukiza ubutagisibira inyuma kwa SATANI.

IndirimboKankarana ikunzwe n’abantu benshi  yahereje ko gukora  ALIDA  atarashobora gukizwa  

http://www.youtube.com/watch?v=khBFEh9nxOw

https://www.youtube.com/watch?v=ytIMydkDUpo

https://www.youtube.com/watch?v=UOAmCM6WKVM

https://www.youtube.com/watch?v=6TZv3OOhbwM

https://www.youtube.com/watch?v=oRkdFRGee5A

https://www.youtube.com/watch?v=1qXRy-_yFDc

https://www.youtube.com/watch?v=vfIuk-zio08

Ngaho yariko ategura indirimbo KANKARANA atarakizwa

https://www.youtube.com/watch?v=FzvUWE_WJUM

Twobamenyesha ko umuririmvyikazi ALIDA BARANYIZIGIYE muzoza muramwumva mundirimbo zihimbaza Imana gusa kandi akazoba abutwamwa bwinshi nkuko yabivuze mukiganiro yaduhaye ko vyinshi biri imbere kandi vyose nibukebuke

https://www.youtube.com/watch?v=SZVNP1WtGWE

Indirimbo ONLY GOD KNOWS niyo ndirimbo yiwe ya mbere ALIDA yatanguriye ko gukora kuva aho akijijwe kandi aririmba avuga ivyiza Imana yamukoreye akaviga ko IMANA yonyene niyo inzi.

 

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *