NASIBU BAUNI CHANCE YARANGIJE GUKORA CLIP VIDEO “I WILL LIVE “AKABA YAYIKORANYE NA GABBY KAMANZI WO MU RWANDA

By  |  0 Comments

NASIBU BAUNI CHANCE n’umuririmvyi aririmba indirimbo zihimbaza Imana aheruka gusubiramwo indirimbo yiwe SINZOPFA NZOBAHO yakoranye n’umuririmvyi ADORA UWIMANA nawe nyene aririmba indrimbo zihimbaza Imana hari mu mwaka 2010 murumva ko haciye imyaka 4 yose ntiho NASIBU BAUNI CHANCE  ashima gusubiramwo urwo ruririmbo SINZOPFA NZOBAHO arusubiramwo mu kururirimba m’ururimi rw’icongereza bari kumwe n’umuhanzikazi GABBY KAMANZI wo mugihugu kibanyi c’u RWANDA.

Umuririmvyi NASIBU BAUNI CHANCE ahejeje gukorana na GABBY KAMANZI wo mu rwanda  indirimbo I WILL LIVE baciye bafata umwanzuro wogukorana kandi Clip Video bari kumwe mu guhimbaza Imana babicishije  mw’isanamu bongera banatanga ubutumwa bwinza bw’Imana.

Iciza n’uko NASIBU BAUNI CHANCE na GABBY KAMANZI bamaze guheza gukora Clip Video I WILL LIVE igisigaye mukazoshobora kuyibona inyuma y’indwi 2 zonyene ikazoba yagiye kumugaragaro mukayibona.

 

10321035_4772639371477_5909226197578062_o

Twarashoboye kuganira n’umuririmvyi NASIBU BAUNI CHANCE aratwiganira ko yashimye gusubiramwo indirimbo SINZOPF NZEREKWA y’ashatse kuyisubiramwo ayikoranye n’umuhanzikazi nyarwa mundrimbo zihimbaza Imana akaomeye cane gose mugutazira Imana nogutanga ubutumwa mundrimbo ziwe nkuko twamuvuze umbwambere izina ryiwe GABBY KAMANZI.

Twokumenyesha ko umuririmvyi NASIBU BAUNI CHANCE amaze nogutangura gukora ALBUM yiwe nshasha yitiriye izina ry’indrimbo I WILL LIVE tukazoshobora kubamenyesha uko yatanguye kuyikora n’uko azoyirangiza mugukoramwo indrimbo nyinshi zihimbaza Imana zikayitazira zikanafasha abantu benshi kunungwa n’Ijambo ry’uhoraho Imana yacu rizoba riciye mundrimbo za ALBUM I WILL LIVE mugiye kuzobona Clip Video inyuma y’indwi zibiri zonyne zitarenga.

Tworangiza tukobwira ko indirimbo I WILL LIVE ya NASIBU BAUNI CHANCE yakoranye na GABBY KAMANZI bashoboye kuyikorera amasanamu mugisagara ca Bujumbura kandi na AUDIO yayo bayikoreye muri AFRO STUDIO muzi ko ikor neza cane gose muguhinyanyura indrimbo z’umuririmvyi.

 

Iyo ndirimbo mwabonye hejuru yitwa SINZOPFA NZEREKWA niyo yashobowe gusubirwa mwo m’ururimi rw’icongereza ikitwa I WILL LIVE.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *