Amajambo aremereye ashikirijwe na KIDUM aremeza ako arumurundi buca akwiza imyaka 40 y’amavuko ntiwirengagize kuyasoma

By  |  1 Comment

Haraciye ibihe bitari bito abakunzi b’umuziki w’uburundi bafise amakenga kandi menshi cane ajanye n’igihangange mu muziki wa East Africa kandi yatanguriye abandi baririmvyi bose b’igihugu c’uburundi bwacu s’uwundi ni KIDUM KIBIDO mugihe yaheruka gukorera ibiteramo bitari bike mugihugu citwa CANADA ibiranga ibiteramo vyose vyerekana ko KIDUM KIBIDO yoba yitiriwe umu KENYA ivyo vyatumye abanyanyi b’umuziki mu Burundi batangura kumurako abamako bamwe ngo amazi arushuha n’iyibagira ubumbeho. Amakuru duhejeje kuronka kandi tuyakuye mukiganiro yatanze agishika mu Burundi avuye mugihugu ca Africa y’epfo gukorera ibiteramo catanzwe na KIDUM KIBIDO avuga ivyerekeye uguhimbaza imyaka 40 y’amavuko yiwe kuva avyarwa n’umuvyeyi wiwe nyina.

KIDUM KIBIDO aremeza ijana kw’ijana ko arumundi anakunda cane igihugu c’uburundi camwibarutse,kandi aravuga icatumye ahitamwo kubanza gukora igiteramo ciwe  kizoranga ihimbaza ry’amavuko yiwe itariki 22/11/2014 muri HAVANA CLUD i BUJUMBURA, yivugiye ubwiwe ko yaje ava muri SOUTH AFRICA shikira mu Burundi  guhimbaza isabukuru y’amavuka yanje kuko ubu mfise imyaka 40 maze imyaka  30  nkora akazi k’umuziki nkaba mfise imyaka 30 muri CARRIER yanje uyu n’umunsi munini kuri jewe ntico catumye nzangaha i Burundi guhimbaza hamwe n’incuti zanje kandi ngaho i Burundi n’imuhira n’igihugu canje ndazi y’uko abantu baza kunahura kuko iyi ntinumbero yanje aha mu Burundi ntiho ntatanguriye akazi kanje ku muziki ngaha i Burundi ntiho n’avukiye. ntinaco catumye nzangaha i Burundi kwerekana ubuhinga bwanje mfise mazemwo imyaka nkora umuziki kugira ndabisangirire hamwe n’aba fans b’umuziki w’uburundi.

kidum

Twobamenyesha ko KIDUM KIBIDO azohimbaza Imyaka 40 y’amaku vyongeye nkuko yabivuze ko azosangiraramwe n’abakunzi b’umuziki w’uburundi bari kumwe ngaho kuri HAVANA CLUB vyinshi mubirabe ngaho kukiranga c’igiteramo azokora ku munsi wa gatandatu itariki 22/11/2014. Aba fans b’umuririmvyi KIDUM KIBIDO mukiganiro catanze yarangije avuga ko abateye akambo kuza kubwinshi mugitera co guhimbaza amavuko yiwe ngaho kuri HAVANA CLUB.

Share Button

Share Button

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *