Ijambo Umukuru w’ Igihugu Petero Nkurunziza yavugiye kumusi mukuru waharaniwe kwibuka ubumwe bw’igihugu

By  |  0 Comments

peter nkurunziza

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

1. Tubanje gushimira Imana Mushoboravyose yadushikanye kuri uyu musi mukuru wahariwe ubumwe bwacu, turi mu mahoro n’umutekano kandi dufatanye mu nda, tukayisaba ngo itwame hafi, kuko inzira y’ubumwe yama irimwo amahwa menshi.

2. Uyu musi turamutse duhimbaza imyaka mirongo ibiri n’ine iheze abarundi twiyemeje amasezerano y’ubumwe bwacu, hari kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 1991.

3. Tuwuhimbaje twibuka icivugo c’uku kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka kivuga ngo : Dutsimbataze ubumwe, twiteho ibikorwa vy’iterambere.

4. Nkako, nk’uko incungu y’intahe y’ukwikukira yabituraze, ubumwe nyabwo bushigikirwa n’ibikorwa, navyo bikavyara iterambere.

5. Ubumwe bwacu bwagiye buratosekara kenshi cane cane mu 1961,1965,1972,1988. Ariko, iyo ataba ubumwe ntitwari kurokoka, ntitwari kuronka intahe y’ukwikukira, amahoro yari kudusiga, abansi nabo bari kwitwengera. Kira noneho abarundi twahabonye nk’ejo turikubita agashi, tuva ibuzimu tuja ibuntu, turemeranya kubana mu mahoro, biciye mu masezerano y’ubumwe twapfunditse twebwe nyene kuko twari tumaze kubona amabi aba aho butari.

6. Muri ayo masezerano, twemeranije kuvavanura n’inyifato y’amacakubiri iyo aturuka hose, yaba ayafatiye ku moko, ku ntara, ku miryango, ku madini n’ibindi, twiyemeza kurwanya n’ugutuza ubwicanyi, guhakana guhonya abandi no kugera ingere ku yindi.

7. Twemeranije kudakingira ikibaba abo bose bitwaje amacakubiri ; twarahakanye kujaniranya, dupfundika kurandurana n’imizi ivyiyumviro vy’ugushikira intwaro zishingiye ku macakubiri.

8. Twiyemeje kutabanduka ku migenzo ijanye n’ubumwe, dusezerana kwama twubahana kandi twubahiriza ubuzima bwa zina muntu, kurekuriranira no kwizerana, dusezerana kwama dushira imbere akaranga k’umurundi be no gufata kumwe beneburundi, twishinga guharanira no kubungabunga amahoro n’umutekano, dusezerana kwubahiriza no guharanira ubutungane mu gihugu no kwitaho n’ukwamiza imbere ya vyose ineza y’igihugu n’ibindi.

9. Twasezeranye kandi gutunganya ivy’igihugu mu nzira y’ubumwe no mu ntwaro ya demokarasi, gusonera agateka ka zina muntu no guharanira iterambere ry’igihugu n’imico kama yacu.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

10. Naho twemeranije ayo amasezerano, biragaragara ko tutari twayanonosoye neza ngo atunyure. Nkako, inyuma y’imyaka ibiri gusa duhejeje gusezerana kubana mu mahoro, twemerana mu budasa bwacu, ibere ryaciye riyaga, turasubiranamwo, turaryana, turangazanya, turicana, bivuye ko twari tucinubana, dukengerana hakaba abanka kwemera inzego abanyagihugu bitoreye mbere bakanagandagura n’Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Melchior Ndadaye,ayo mabi yavuye cane cane kubari baranzwe n’amacakubiri,maze badusubiza mwihumbi.

11. Hamwe n’intambara vyakwirikiye yaragaragaje ko hari ivyari bibuze canke bidatomoye muri ayo masezerano, arivyo vyahavuye biganirwako, bikumvikanwako mu masezerano y’amahoro ya Arusha mu 2000 hamwe n’ayo guhagarika intambara burundu yo 2003.

12. Nyamukuru muri ivyo twovuga nko gusubira kwiyemeza ko ata yindi nzira yo gushikira uburongozi bw’igihugu atari demokarasi ishingiye kw’ihiganwa ry’imigambwe kandi hakaba amatora.

13. Ikindi ni uko twemanze kuvugurura itunganywa ry’inzego z’umutekano no kwivuna umwansi zikugururirwa bose mu bitigiri bihumuriza aba na bariya, mbere no mu zindi nzego ndongozi bikagenda uko. Aho tutarabishikako neza nko mu gisata c’ubutungane bikaba biriko birakorwa buhorobuhoro.

14. Ntitwokwibagira kandi ko twemeranije gusubiza iteka abaturatujwe n’izo ntambara n’ikumirana mu kubasubiza mu vyabo bari baranyazwe. Ivyo bikaba bica ahanini mu mugwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB.

15. Vyumvikana rero ko ayo masezerano y’i Arusha no guhagarika intambara yaje gutomora, kwunganira no gushira mu ngiro amasezerano y’ubumwe bw’abarndi.

16. Duhiriwe duhishije n’ibwirizwa shingiro riyakomokako ryarategekanije neza ingingo zirimwo zo kubungabunga ubumwe biciye mu gusangira ubutegetsi hisunzwe uko ubwoko bungana mu gihugu, harajamwo n’izibuza gukumirana gufatiye ku ntara no ku gitsina.

17. Ni ko rero, ntitwogaruka ku makuba yose yashikiye Uburundi inyuma y’ukwemeza amasezerano y’ubumwe bwacu, ariko turemanga ko iyo ataba ubwo bumwe bwadusanasanye, kumbure ibintu vyari kuyangara kurusha. Imana yarakinze ntitwagenda akagirire.

18. Ariko birababaje kubona hacibonekeza imvugo n’ingendo zerekana ko hakiri abakigendera amacakubiri mu buryo butandukanye, nko mu gutera akaguma, mu gukumirana mu mashirahamwe, mu gushuhura canke mu gushigikirana mu makosa hishimikijwe gusangira ubwoko, intara, idini canke umugambwe ariho wa “ muryambwa aba umwe agatukisha umuryango” aho kwitukisha wenyene. Ivyo biratwereka rero ko kwubaka no gutsimbataza ubumwe ari igikorwa ca misi yose kandi ca bose.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,
19. Duhimbaje uno musi w’ubumwe mu gihe umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi watanguye imirimo yawo.Twizeye ko naho hari aho bishika ukuri kukababaza nko kumenya giturumbuka ko kumbure ari naka yaguhekuye, abantu basabanye, bakagiriranira ikigongwe bizotuma dusubiza hamwe, tunywane, maze rero ubumwe bukomere nyagukomera. Intumbero rero nyamukuru ni uko hazoca haboneka ubumwe nyabwo, burama, bwubakiye ku kuri aho hazoca handikwa kahise k’ukuri ku Burundi kandi kagasomwa kumwe.
20. Ubumwe rero Rwagasore yaturaze, si ubwo kuririmba gusa, dutegerezwa kubugendera, tukabubungabunga nk’amata y’abashitsi, tukabwigisha abana bacu, tukabwigisha mu mashure, mu mashengero, mu masoko, eka aho hose turi tukayaga ubumwe, tukibukanya iyo twavuye naho dushitse uno musi, maze dutegure kazoza keza kacu kazira amacakubiri yaduhekuye muri kahise.

21. Uyu musi mukuru ushitse kandi turi mu kiringo c’amatora. Igikorwa c’ukwiyandikisha cararangiye, mbere abo bose begwa n’amatora bagiye baraja inama n’ingingo, kugeza aho bumvikana gushinga ikindi kiringo kugira abatashoboye kwiyandikisha biyandikishe. Vyarerekanye ko ahari inama haba Imana, kandi ko ibigiye inama bigira Imana.

22. Naho mu gihe nk’iki haba guhiganwa mu budasa bw’ivyiyumviro n’imigambi, bose bagashaka kwikwegerako abanywanyi, hamwe bagakoresha imvugo yo gurtyozanya ububeshi no kurementanya, canke yo kurondera amajwi baciye ku butandukane bw’amoko, amadini n’intara, twese twame twibuka ko turi abarundi, turi benemugabo umwe ariwe Burundi, tugumane ubumwe biciye mu gukunda igihugu cacu.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

23. Duhimbaje uyu musi mukuru w’ubumwe bw’abarundi igihugu cacu giheruka guterwa cane cane mu ntara ya Cibitoke. Gushika uyu musi, amatohoza arerekana ko twatewe n’abarundi benewacu, bataramenya ko ibihe vyahindutse ko amase ya kera atagihoma urutaro. Imana ibababarire kuko batazi ivyo barimwo.

24. Tubanje gusubira gutera ivyatsi abo bose bakirota intambara, tubibutsa ko ata ntambara izosubira kuba mu Burundi, nitwagumana urunani dufise ubu.

Iyahabaye iramaze, abarundi twaramaze gusesererwa, ubu twishakira ubumwe, amahoro, iterambere na demokarasi mu bonse rimwe, maze umwanya twataye tuwurihe kwirukana ko kwikura mumenyo y’abatwenzi.

25. Turazi ariko ko hariho intumva zimeze nka wa mwana atinya ikara aruko rimuturiye. Izo rero zizokwibonerako nkuko vyagaragaye mu Cibitoke, kuko zihasanga urunani rw’intamenwa rugizwe n’abanyagihugu, abajejwe intwaro, abajejwe ubutungane n’abajejwe umutekano.
Urwo runani rugatsimbatazwa n’inyigisho zo gukunda igihugu, inyigisho za wa mugambi w’igihugu w’umutekano watuma hajaho amakomite y’umutekano ahuriwemwo na bose ku mitumba no mu makomine mu butandukane bwabo, kakaba ari akarorero keza k’ubumwe.

26. Turababajwe n’abaguye mu ntureka yo mu Cibitoke, baba abatewe canke abateye, kuko bose ari abana b’igihugu. Turahojeje imiryango yabuze. Turateye ivyatsi ababuhuye bakabashora mu nzira idashika.
Twashaka gusaba ngo abahenzwe bakajanwa muri uwo mugwi bakiriko barikinga ibisaka banyeguruke, bishikane bitarenze uku kwezi kwa kabiri, basabe ikigongwe kandi abarundi turiteguye kukibagirira ,no kubasubiza mumiryango yabo.

Barundi, Barundikazi,
Ncuti z’uburundi,

27. Mu ntumbero yo gutsimbataza ubumwe bw’abarundi, Leta turongoye ntiyigeze irera amaboko. Tuguma duhimiriza abarundi kubandanya bitaba ibikorwa rusangi, kuko abavyitaba basangira intumbero imwe, uburuhe n’umwitwarariko vyo guteza imbere aho babaye, ikomine n’intara vyabo, bagasangira akanyamuneza k’ivyiza bivamwo, bikaba biboneka ko bikomeza umutima w’ubumwe.

28. Tuboneyeho akaryo ko gusubira gusaba abanyagihugu bose kwitaba wa musi mukuru wa komine uhimbazwa ku musi wa gatandatu wa mbere w’ukwezi kw’umunani, kuko ufasha iterambere rya Komine ugakomeza n’ubumwe bw’abaho.

29. Tubandanya kandi duhimiriza abanyagihugu gutunganya ibikorwa vy’inkino, ibiteramo, n’ibindi bituma abantu benshi mu budasa bwabo bahura, bakaganira, bagasangira n’ijambo.

30. Ntitudebukirwa kandi gushira mu ngiro ingingo twafashe zo kwigisha abana ku buntu ata mwana n’ikinono, bige atabakumiriwe, bose bangana kandi bafise amahirwe amwe. Na ya ngingo yo kuvura ku buntu abavyeyi bibarutse n’abana batarenza imyaka itanu tuyibandanye muri iyo ntumbero, kuko biboneka ko izo ngingo zafashije cane mu gukomeza ubumwe bw’abarundi.
31. Turahamagariye abarundi kwima amatwi ibihuha vyose na cane cane ibifatiye ku macakubiri, kuko bitera icuka kibi mu bantu, abafise umutima uhuha bakarara mu bisaka no mu myonga, batinya ko ubuzima bwabo bumererwa nabi, na cane cane muri iki gihe twimirije amatora.

32. Aho tugeze uno musi, tworema kuko n’inzego zivuye mu matora zisigaye zemerwa na bose kandi zikamara ikiringo cazo, tukabikesha intambwe tugezeko mu gutegura amatora twisunze demokarasi no mu gukunda igihugu catwibarutse, ivyo navyo bituma ubumwe bukomera.

33. Twashaka gusubira kubibutsa ko ata bumwe buhari ata kintu na kimwe ciza gishoboka. Ni co gituma dutegerezwa kwama maso igihe cose, kuko dusamaye na gato bwoduca mu myanya y’intoke.

34. Mu kurangiza, twashaka gusubira kubipfuriza umusi mukuru mwiza, muwuhimbaze muzirikana ko twimirije ibikorwa bihambaye bijanye n’amatora hamwe no kumenya ukuri no kurekuriranira, kandi mwitegurire kuvyitaba muri ku kivi. Dutsimbataze ubumwe, twiteho ibikorwa vy’iterambere.

Imana ibahezagire
Umusi mukuru mwiza.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *